Malaki 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)7 Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza muhora mukevya mugata amabgirizwa yanje, ntimuyitondere. Ni mungarukeko, nanje nzobagarukako, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. Yamara muravuga, muti Twogaruka mu buryo ki? အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Arikw ab’ inzu ya Isirayeli bārangararije bari mu bugaragwa: ntibāgendera mu mabgirizwa yanje, ariko bāgaye ivyagezwe vyanje, kand’ ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye; kandi n’amasabato yanje bārayaziruye rwose. Nuko rero nca mmaramaza ko ngiye kubasukak’ uburake bganje bari mu bugaragwa, mbaherengeteze.
kuko, mmaze kubashitsa mu gihugu, ico narahiye mmanitse ukuboko ko nzobaha, uko babonye umusozi wose muremure n’igiti cose gitotahaye, baciye bahatangira ibimazi vyabo, baba ari ho bashikanira ishikanwa ryabo ryo kundatsa; ni ho batangiye ibizana imibabge imota neza, bakahasukira amashikanwa yabo y’ibiturire.