Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 3:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kuko jewe Uhoraho ata ho mpinduka; ni co gituma, mwebge bana ba Yakobo, mutāmazwe rwose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 3:6
36 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kur’ uwo musi nyene Uhoraho asezeranira Aburamu isezerano, at’ Uhereye ku ruzi rwo muri Egiputa, ugashitsa ku ruzi runini ari rwo Efurate, uruvyaro rwawe ndaruhaye iki gihugu,


Aramubarira, ati Ni jewe Uhoraho nagukūye muri Uri i Bukaludaya kugira ngo nze nguhe iki gihugu ucegukire.


ati Ndirahiye, ni k’Uhoraho agize, k’ukoze ivyo, ntunyime umwana wawe, kand’ ar’ ikinege,


Ivyo bizoshira, ariko weho uzohoraho, Mber’ ivyo vyose bizosāza nk’impuzu, Uzobikūranya nk’impuzu, bikūranwe n’ibindi;


Ariko weho ur’ uko wamye, Imyaka y’ukubaho kwawe ntizogira iherezo.


Abana b’abasavyi bawe bazohora batsindaje, Uruvyaro rwabo ruzocimbatarizwa imbere yawe.


Arikw imbabazi Uhoraho agirira abamwubaha zahereye kera hose, zikazoshitsa ibihe vyose, Kand’ ukugororoka kwiwe kuzoshitsa no ku buzukururuza babo;


Ariko yo, kuko yuzuye imbabazi, iharira ukugabitanya kwabo, ntibahonnye, Mbere kenshi iroresha irya uburake bgayo, Ntikangure uburake bgayo bgose:


Ariko basubira inyuma, bava mw isezerano nka ba sekuruza: Barahusha, nk’umuheto utaye uruvuto.


Kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw’i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara.


Uku ni k’Uhoraho agize, Umwami wa Isirayeli, ari we Mucunguzi wiwe, Uhoraho Nyen’ ingabo: ati Nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo, kandi nta yindi Mana atari jewe.


nzobageza no mu zabukuru ndi We, muzorinda musēsa imvi nkibaheka: ni jewe naremye, ni jewe nzoheka; mbere nzobaterura, mbarokore.


rit’ Ehe nd’ Uhoraho, Imana y’abariho bose: mbega har’ ikintu na kimwe kinnanira?


Nshinze icagezwe ngo mu bgami bganje iyo buva bukagera, abantu bahindire agashitsi imbere y’Imana ya Daniyeli, bayubahe: kukw iyo ari yo Mana nzima, ihora ihangamye ibihe vyose; ubgami bgayo ntibuzokwigera buhangūra, kand’ ingoma yayo izoshika no kw iherezo.


Sinzogenza nk’uk’ uburake bganje bg’inkazi buri, sinzohindukiranwa no kugeseza Efurayimu: kuko jewe nd’Imana, ntar’ umuntu; nd’ Uwera ari hagati muri wewe: sinzoza ndi n’uburake.


Mbega ntiwamyeho uhereye kera hose, Uhoraho Mana yanje, Uwera wanje? Ntituzopfa. Uhoraho, wabashizeho ng’ ubacishe amateka; Gitandara we, wabashiriyeho guhana.


Ereg’ Imana s’umuntu ngw ibeshe, Kandi s’umwana w’umuntu ngo yisubiremwo! Ivyo yavuze, mbega ntizobikora? Ivyo yashinze ntizobishitsa?


Ko twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’ abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubugingo bgiwe buzorushiriza kudukiza.


Kand’ ico nizigiye ntakekeranya, n’uk’ uwatanguye igikorwa ciza muri mwebge azogiheraheza gushitsa ku musi wa Yesu Kristo.


Yesu Kristo uko yar’ ar’ ejo, n’uyu musi ni kw akiri, ni kw azokwama ibihe bidashira.


kugira ngo bibiri bidahinduka, ivyo Imana itabasha kubesheramwo, biduheshe kurema cane, twebge abashitse mu buhungiro, ni bgo kubangiriza ivyizigiro vyashizwe imbere yacu.


Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika.


Jewe ndi Alufa na Omega, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.


Ndi Alufa na Omega, uwa mbere n’uwa nyuma, itanguriro n’iherezo.


Ereg’ Inyenkomezi y’Abisirayeli ntibesha, kandi ntiyīrīmbūra, kukw atar’ umuntu ngw ize yīrīmbūre.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ