Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 3:5
63 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburahamu aramwishura, ati N’uko nibgiye rwose yukw ata gutinya Imana kuriho ino; nti Kandi bazonyica bampora umugore wanje.


Ku musi ugira gatatu, Yosefu arababarira, at’ Enda genza murtya, mwoye gupfa, kuko ntinya Imana:


Arikw abanyitangiye imbere mu gutwarira umwami, bāraruhije abantu, kuko bāgenda babatoza ivyo kurya na vino, hamwe na shekeli z’ifeza mirongwine; mbere n’abasavyi babo bagatwaza abantu amanyama. Ariko jewe sinigeze ngenza ntyo, kuko nubaha Imana.


Coba ar’ umuriro utongora gushitsa uhoneje, Ugaturira imirima yanje yose.


Nk’uk’ umugurano yifuza igitūtu, N’umucangero akarereka ingero yiwe,


Ubugarariji bg’umunyakibi buvugira mu mutima wiwe: Nta gutinya Imana kuri mu maso yiwe.


Bantu banje, ni mwumve, ndabihanikirize, Yemwe bantu ba Isirayeli, icompa mukantega amatwi!


Imbere y’Uhoraho, kukw agira aze, Agira aze gucira abari mw isi imanza, Azocira abari mw isi imanza zibereye, N’amahanga nk’ukw ar’ umwizigirwa.


Imbere y’Uhoraho, kukw agira aze gucira abari mw isi imanza: Azocira abari mw isi imanza zigororotse, N’amahanga izibereye.


Arikw abo bākirizi bubaha Imana, ntibagira nk’uk’ umwami wa Egiputa yabageze, bareka n’ abana b’abahungu.


Ikindi, utoranye mu bantu bose abashoboye guca imanza, bubaha Imana, b’abanyakuri, banka ingurire; uheze ubakuze, babe bakuru bo kuganza abantu, bamwe igihumbi‐igihumbi, abandi ijana‐ijana, abandi mirongwitanu‐itanu, abandi cumi‐cumi.


Ntugapfe kuvuga izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, ku vy’ ubusābusa; kuk’ uworivuga ku vy’ubusābusa, jewe Uhoraho ntobura kubimuhōra.


Ūzotanga ikimazi, akagiha iyindi mana, atari jewe Uhoraho jenyene, az’ arandurwe rwose.


Ibigabitanyo bikūrwaho n’ imbabazi n’ukuri, Kand’ abantu bakūrwa mu bibi no kwubaha Uhoraho.


Kwubaha Uhoraho ni kwo kwanka ikibi: Ubgibone n’amanyama n’inzira y’ikibi N’akanwa k’ibidadi, ndavyanka.


Ni mwīgire hino, mwa bana b’umurozikazi, mwa ruvyaro rw’ umusambanyi n’umusambanyikazi.


Kukw igihugu cuzuye abasambanyi; kubg’ umuvumo igihugu kiragandaye; imyīmīro yo ku mirāmbi irumye; ingeso zabo ni mbi, ububasha bgabo ni bubi.


kuko babaragurira ibinyoma, kugira ngo mwambukanwe kure y’igihugu canyu, no kugira ngo nanje ndakibirukanemwo, muhone.


None rero mwebge, ntimuruhe mwumvira ba kamenyi banyu, cank’ abapfumu banyu, cank’ inzozi zanyu, cank’ abamenyi banyu, cank’ abarozi banyu, bababarira, bati Ntimuzoruha musaba umwami w’i Babuloni:


kuko bākoze ivy’ ubupfu mu Bgisirayeli, bagasambana n’abagore ba bagenzi babo, bakavuga amagambo y’ibinyoma mw izina ryanje, ayo ntābageze; jewe ubganje ndabizi, kandi nd’icabona, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Bishura Yeremiya, bat’ Uhoraho n’atubere icabona c’ ukuri c’ukwizigirwa, ni tutākora nk’ukw ijambo ryose rimeze, iryo Uhoraho Imana yawe azokudutumako.


Naho barahira uguhoraho kw’Uhoraho, n’ukuri barahira ibinyoma.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzohōra ubgoko bumeze burtyo?


Ntihaze hagire ūhahaza mugenzi we, canke ngw amwambure; ntihaze hagire ūrārana ingero umucangero yakoreye.


Umuntu ni yasambana n’ umugore w’uwundi, agasambana na muka mugenzi we, uwo musambanyi n’uwo musambanyikazi ntibaze babure kwicwa.


Umugabo cank’ umugore bahamagara imizimu, canke bakaba abamenyi, ntibaze babure kwicwa: baze babicishe amabuye; amaraso yabo ni bo azokora.


Umuntu yirukira abahamagara imizimu n’abamenyi, akaja kubaraguza, akabahurumbira nk’ ikimaka; nzohoza igitsūre canje kuri we, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Ni mwumve, mwa moko yose mwe; tega amatwi nawe wa si, n’ibiri muri wewe vyose! Umwami Uhoraho n’abe icagiriza canyu, Umwami ari mu rusengero rwiwe rwera.


Mbega ntiwamyeho uhereye kera hose, Uhoraho Mana yanje, Uwera wanje? Ntituzopfa. Uhoraho, wabashizeho ng’ ubacishe amateka; Gitandara we, wabashiriyeho guhana.


Ndababarira, nti Namba mubona kw ari vyiza, ni mumpe ingero yanje; bitabaye vyiza, musigeho. Nuko bangerera intete mirongwitatu z’ifeza kw ingero.


Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?


Yamara muravuga, muti Ni ku ki? Ni kuk’ Uhoraho yabaye icabona canyu, mwe n’umugore wawe wo mu bucance, uwo waryarutse, nah’ ar’ umugenzi wawe, akaba n’umugore w’isezerano.


Uhoraho mwaramurambiye n’amagambo yanyu; yamara muravuga, muti Twamurambiye dute? Ni kuko muvuga yuk’ umuntu wese akora ivyaha ari mwiza imbere y’Uhoraho, ngo Kand’ aramuhimbara; canke ngw Imana ica imanza iri hehe?


Arik’ uwa kabiri amwishura amuhana, ati No kwubaha Imana ntuyubaha, kand’ uciriwe urubanza rumwe n’urwiwe?


Kandi n’iki kitubuza gukora ibibi kugira ngw ivyiza bibeho? (nk’uko batubeshera, kandi bamwe bavuga ko twigisha). Abakora bartyo bazocirwa urubanza bakwiranye.


Kandi ni wamurekura ngw agire umwidegemvyo, ntuz’ umurekure imbokoboko;


Muri mwebge ntihaze haboneke umuntu atanga umwana wiwe kw ikimazi, ar’ uw’ umuhungu canke w’umukobga, ngo yoswe mu muriro, canke ngo haboneke ūragura, cank’ ūtera amabara, cank’ umupfumu, cank’ umurozi,


Ntihaze hagire ūgoreka urubanza rw’umunyamahanga, cank’ urw’ impfuvyi; canke ngo hagire uwaka umupfakazi impuzu yiwe kw ingwati:


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūgoreka urubanza rw’inyambukīra, canke rw’impfuvyi canke rw’umupfakazi. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Ntugapfe kuvuga izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, ku vy’ubusābusa, kuk’ uworivuga ku vy’ubusābusa, jewe Uhoraho ntobura kubimuhōra.


ng’umuntu wese ntarenge ibikwiye, kandi ntagunge mwene Data wundi kur’ ivyo, kuk’ Umwami wacu ar’ umuhōzi kur’ ivyo vyose, nk’uko twababūriye tubishimikiye.


Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’ uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka.


Ariko bene Data, ikiruta vyose, ntimukarahire: ntimurahire ijuru, cank’ isi, cank’ iyindi ndahiro yose; arikw ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya; kugira ngo ntimucirwekw iteka.


Eh’ ingero z’abashwabuzi bābashwaburiye imirima, izo mwabagunze, zirataka: amaborogo y’abābashwaburiye yinjiye mu matwi y’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ