4 Ni ho amashikanwa y’i Buyuda n’i Yerusalemu azohimbara Uhoraho, nk’uko vyamuhimbara mu misi ya kera no mu myaka yahise.
Maze babonye kw Imana ifashije Abalewi bareruye iyo sandugu y’isezerano ryayo, ari we Uhoraho, batanga amamasa ndwi n’amasuguru y’intama ndwi kw ibimazi.
Maze Dawidi ahubakira Uhoraho igicaniro, ahosereza ibimazi, atanga n’ ibimazi vy’ishimwe, yambaza Uhoraho; Uhoraho amwishurisha kurekura umuriro, utibukira kur’ ico gicaniro yosherejekw ibimazi.
Nuko Salomo aradūga aja kur’ ico gicaniro c’umuringa imbere y’Uhoraho, kiri kur’ iryo hema ry’ibonaniro, acoserezakw ibimazi igihumbi.
Ibimazi Imana ishikanirwa n’umutima umenetse; Umutima umenetse, ujanjaguwe, Mana, ntuzowukēngēra.
Ni ho uzonezerwa n’ibimazi bitunganye, ni vyo bimazi vyoshejwe, n’ibimazi vyoshejwe bidasonōye; Ni ho bazoshikanira amamasa ku gicaniro cawe.
abo na bo nzobashikana ku musozi wanje wera, mbanezereze mu ngoro yanje yo gusengeramwo; ibimazi vyabo vyo kwoswa n’ivyo gukererwa bizokwemerwa ku gicaniro canje: kukw ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n’amahanga yose.
Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ngarutse i Siyoni, ngerēre hagati y’i Yerusalemu; kandi Yerusalemu hazokwitwa Umurwa w’Umwizigirwa; kand’ umusozi w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzokwitwa Umusozi wera.