Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 3:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe, kandi ni nde azoshobora guhagarara ah’ azoserukira? Kukw ameze nk’umuriro uvugutira ubutare, kandi nk’isabuni y’abamesuzi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 3:2
47 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

yerekeza amaso ahahera i Sodomu n’i Gomora n’igihugu cose ca ca kiyaya, aritegereza, abona imyotsi y’ico gihugu ipfūndūka nk’ imyotsi y’itanure.


N’ukuri har’ inganzo yimbgamw’ ifeza, N’ahantu bakūra izahabu ngo bazivugutire.


Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?


Ndavuga rya jambo rishinzwe: Uhoraho yarambgiye, at’ Ur’ Ubura bganje, Uyu musi ndakuvyaye.


Wewe, ni wewe nyene uteye ubgoba: Ni nde yoshobora guhagarara mu nyonga zawe umaze kuraka?


Kūra inkamba mw ifeza, Ni ho hazovamw’ urwavya rutunganye.


Enda ni muze, twītātūre, ni k’Uhoraho agize; nah’ ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero.


Abanyavyaha b’i Siyoni baratinye; agatengo gafashe giturumbuka abatubaha Imana. Muri twebge ni nde yoshobora kubana n’umuriro utongora, kandi muri twebge ni nde yoshobora kubana n’ikibengebenge kidahengeshanya?


Umwami Imana amaze kwuhagira imyanda abakobga b’i Siyoni ayirangije, kand’ amaze gukūra kuri Yerusalemu amaraso y’abantu, ayakūjeh’ impwemu y’amateka n’impwemu yo guturira.


Naho wokwiyuhagiza ivyitwa amagadi, ukīyabīrira n’isabuni nyinshi, ukugabitanya kwawe kuzoba ubgome imbere yanje, ni jewe Umwami Uhoraho mbivuze.


Mbeg’ umutima wawe uzoshobora kwihangana, cank’ amaboko yawe azokomera, mu misi nzobikubaza? ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzobikora.


Kandi bamwe mur’ abo banyabgenge bazokwicwa, kuzoba ar’ ukubavugutira no kubakūramw’ inkamba no kubeza, gushitsa ku gihe c’iherezo, kukw iryo herezo rikirindiriye igihe cashinzwe.


Maz’ Uhoraho akarangurura ijwi imbere y’ igitero ciwe, kukw ingabo ziwe zihambaye cane; ereg’ uwo yama ashitsa ijambo ryiwe n’uw’ ubushobozi! Kuk’ umusi w’Uhoraho ar’ ūhambaye kand’ uteye ubgoba cane: ni nde yoshobora kuwihanganira?


Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’ ubushangashirwe bgiwe? Kandi ni nde yoshobora kwihanganira uburake bgiwe bukaze? Uburake bgiwe busukwa nk’umuriro, kandi ni we amenagura ibitandara.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana.


Bakigiye kugura umukwe arashika; abiteguye binjirana na we mu bukwe, urugi rurugarwa.


impuzu ziwe zirakayangana, zera derere, kandi nta mumesuzi kw isi yoshoboye kuzeza artyo.


Simeyoni arabahezagira, abgira nyina Mariya, at’ Umve, uyu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, no kuzoba ikimenyetso kigawa,


Mwame mugavye, musenge mu bihe vyose, kugira ngo muze mushobore guhunga ivyo vyose bigira bibeho, ngo muhagarare imbere y’Umwana w’umuntu.


Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, ngw akubure imbuga yiwe neza, yimburire ingano mu kigega ciwe, maz’ umuguruka awuturire mu muriro utazima.


Arikw incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rero, igiti cose kitama ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.


Kandi hahirwa uwo ivyanje bitazotsitaza.


yamara ntimumuzi, ariko jewe ndamuzi. Kandi ni navuga ngo sindamuzi, nzoba mbaye umunyabinyoma nkamwe: ariko ndamuzi, kandi nitondera ijambo ryiwe.


Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.


Kandi yahawe kwambara impuzu zera nziza, zikayangana, zitanduye; izo mpuzu zera nziza ni zo bikorwa vyo kugororoka vy’abera.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


kuk’ umusi uhambaye w’uburake bgabo ushitse, kandi ni nde ashobora guhagarara?


Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.


Abo bantu b’i Beti‐shemeshi baravuga, bati Ni nde yoshobora guhagarara imbere y’Uhoraho, iyi Mana yera? Mbega none yodūga hehe, kugira ngw ituvemwo?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ