Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 3:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 3:18
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Icompa bikaba kure yawe, gukora ikintu nk’ico, kwicana abagororotsi n’abanyavyaha, abagororotsi n’abanyavyaha bakaringanira: icompa bikaba kure yawe! Non’ Umucamanza w’isi yose ntiyokora ibigororotse?


Ariko mweho ni mushireko muje imbere mwese, Na ho nyene nta munyabgenge n’umwe nobona muri mwebge.


Ni mwirimbure, ndabinginze, hoye kuba ibifutamye; Mbere ni mwirimbure ukundi gusha, ivyanje n’ibigororotse.


Ariko mu Bisirayeli nta n’umwe azogira ico aba, ar’ umuntu cank’ igitungano, haba n’uwo imbga izogwangwarira: kugira ngo mumenye yuk’ Uhoraho yashizeh’ itandukaniro hagati y’ Abanyegiputa n’Abisirayeli.


Hanyuma mmaze kubashika nzohindukira mbagirire ikigongwe; kandi nzobagarukana, umuntu wese asubire mw ishamvu yiwe, umuntu wese asubire mu gihugu cabo.


kugira ngo basabe Imana yo mw ijuru, ibagirire imbabazi, ibamenyeshe ayo mabanga, kugira ngo Daniyeli na bagenzi biwe ntibagesezanywe n’abandi banyabgenge b’i Babuloni.


Nta wubizi: kumbure yohindukira, ikīgarura, ikabasigarana umuhezagiro, ni wo mafu y’amashikanwa n’ibiturire vyo gushikanira Uhoraho Imana yanyu.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Arikw amajambo yanje n’ivyagezwe vyanje nageze abasavyi banje navugisha, mbega ntivyashitse kuri ba sogokuruza? Maze bīsubiramwo, baravuga, bati Nk’uk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye kw azotugirira, ngw atwishure ibihwanye n’ingeso zacu n’ivyo twakoze, ni ko yadukoreye.


Naho Edomu yavuga, ati Dutsinzwe hasi, ariko tuzosubira kwubaka ahāsanganguwe; uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazokwubaka, ariko nanje nzosambura. Abantu bazobīta intāra y’ibigabitanyo, babīte n’ubgoko Uhoraho yama arakiye ibihe bidashira.


Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.


Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.


Uyo aradukurikira twebge na Paulo, asemerera, at’ Aba bantu n’abasavyi b’Imana isumba vyose, kandi bababarira inzira y’agakiza.


Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje,


Imana, nkorera mu mutima wanje mvuga ubutumwa bgiza bg’Umwana wayo, ni yo ntanzekw icabona yuko mbahoza mu kanwa ubudasība,


Kuko bose bīvugira ubgabo inkuru z’ingene twaje muri mwebge, kand’ ingene mwahindukiriye Imana, mugaheba ibigirwamana, ngo mukorere Imana nyakuri kandi nzima,


Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ