Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 3:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kand’ amahanga yose azobīta abanyehirwe: kuko muzoba igihugu c’igikundiro, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 3:12
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze benshi bashikanira Uhoraho amashikanwa i Yerusalemu, kandi na Hezekiya umwami w’i Buyuda bamuzanira ibintu vy’igiciro kinini, bituma ashirwa hejuru imbere y’amahanga yose, uhereye ico gihe.


Izina ryiwe rizohorah’ ibihe bidashira, Izina ryiwe rizogira uruvyaro, izuba rikiriho: Abantu bazokwisabira umugisha wo guhwana na we, Amahanga yose azomwita umuhirwe.


Abazobakomokako bazomenyekana mu mahanga, n’uruvyaro rwanyu mu bandi bantu: abazobabona bose bazobemera yukw ar’ ihanga jewe Uhoraho mpaye umugisha.


Ntuzosubira kwitwa Ntabga, n’igihugu cawe ntikizosubira kwitwa Misaka; arik’ uzokwitwa Nkundwakazi, n’igihugu cawe kizokwitwa Uwābiriwe; kuk’ Uhoraho agukundwakaje, kand’ igihugu cawe kizokwābīrwa.


Nk’uk’ umusore arongora inkumi, ni kw abakubamwo bazokurongora, ewe Yerusalemu; kandi nk’uk’ umukwe anezererwa umugeni, ni kw Imana yawe izokunezererwa.


Kand’ iki gisagara kizombera izina ry’umunezero, kimbere n’ishimwe n’icubahiro imbere y’amahanga yose yo mw isi, abazokwumva ivyiza vyose nabakoreye; bazotinya bahinde agashitsi kubg’ ivyiza vyose n’ amahoro yose ndahahaye.


Azoshika no mu gihugu c’ubgiza; henshi hazotikizwa, arikw abazokira amaboko yiwe n’Abanyedomu n’Abanyamowabu n’igihimba gikomeye c’ Abamoni.


Kuri rimwe mur’ ayo, hashamika agahembe gatoya, karakura, kaba rinini cane, ryerekera i bumanuko n’i burasirazuba no mu gihugu c’ubgiza.


Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mur’ iyo misi abantu cumi bazova mu mahanga y’indimi zidahwanye, bafate umutwe w’impuzu y’Umuyuda, bamubgire, bati Turajana, kuko twumvise yukw Imana iri kumwe namwe.


Amagambo mwamvuze yar’ akomeye, ni k’Uhoraho agize. Yamara muravuga, muti Twakuvuze ibiki?


Kuko yabonye ubufafara bg’umugurano wayo, Kand’ uhereye none, ab’ ibihe vyose bazonyita umuhirwa.


n’igihugu Uhoraho Imana yanyu yāmizak’ umutima, kand’ agihozakw ijisho, uhereye ku ntango y’umwaka ugashitsa kw iherezo ryawo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ