Malaki 3:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)10 Muzane mu bubīko ikigiracumi gishitse, kugira ngw inzu yanje ibemw’ ivyo kurya; enda ni mubingeragereshe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kur’ uyo musi batoranya abantu bo kuzezwa ivyumba vy’ ububīko vyo kubīkamw’ amashikanwa azunguzwa, n’ay’ umushuzo, n’ay’ ibigiracumi, kugira ngo bayashingure muri vyo, abe imituri y’abaherezi n’Abalewi, nk’ uko vyashinzwe mu vyagezwe, ukw imirima yo mu bisagara yangana, kukw Abayuda banezerejwe n’ukw abaherezi n’Abalewi bari kw ibango ryabo,
yateguriye Tobiya nyene icumba kinini, aho bāhora babīka amashikanwa y’amafu n’imibavu, bakahabīka n’ibintu vy’imbombovu, kandi hābīkwa n’ibigiracumi vy’impeke n’ivya vino n’ivy’ amavuta ya elayo, ari vyo ivyagezwe vyashinze ko bihabga Abalewi n’abaririmvyi n’abashibamyi, hamwe n’amashikanwa azunguzwa yahabga abaherezi.