Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 3:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Muzane mu bubīko ikigiracumi gishitse, kugira ngw inzu yanje ibemw’ ivyo kurya; enda ni mubingeragereshe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 3:10
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko mubanze mwitwaririke ubgami bg’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyose muzovyongerwa.


Wizigire Uhoraho, ukore ivyiza, Guma mu gihugu, ushishikare ivy’ ukuri.


Uhoraho azobugururira ijuru, ari ryo bubīko bgiwe buninahaye, ngw ahe igihugu canyu imvura mu gihe cayo, ahezagire n’ibikorwa vyanyu vyose; amahanga menshi azoza kubagurāna, ariko mweho ntimuzoja kuyagurāna.


Mu vyeze mu gihugu, vyaba ivyo mu ndimiro, cank’ ivyamye ku biti, ikigiracumi c’ivyo vyose n’icanje, jewe Uhoraho: n’icera canje.


Kur’ uyo musi batoranya abantu bo kuzezwa ivyumba vy’ ububīko vyo kubīkamw’ amashikanwa azunguzwa, n’ay’ umushuzo, n’ay’ ibigiracumi, kugira ngo bayashingure muri vyo, abe imituri y’abaherezi n’Abalewi, nk’ uko vyashinzwe mu vyagezwe, ukw imirima yo mu bisagara yangana, kukw Abayuda banezerejwe n’ukw abaherezi n’Abalewi bari kw ibango ryabo,


Abalewi ehe mbahaye ibigiracumi vyose Abisirayeli batanga, kuba ari vyo biba ishamvu yabo, ndabibahaye kw impembo y’ibikorwa bakora vyo mw ihema ry’ ibonaniro.


Muzorya ibigugu vyahitikiranye, kandi muzodaha ibihitira kugira ngo mubone aho mwimburira ivyeze.


Arik’ umugabisha uwo mwami yagenda yegamiye yishura uwo muntu w’ Imana, ati Mbeg’ Uhoraho naho yotobora amadirisha mw ijuru, ivyo vyoshoboka? Aramwishura, at’ Uzobirābisha amaso, ariko ntuzobiryako.


uwo mugabisha akishura uwo muntu w’Imana, ati Mbeg’ Uhoraho naho yotobora amadirisha mw ijuru, ben’ ivyo vyoshoboka? na we akamwishura, at’ Uzobirābisha amaso, ariko ntuzobiryako.


Mbega har’ imbuto zikiri mu bigega? Mbere n’umuzabibu n’umusukoni n’umukomamanga n’umwelayo ntibikiruha vyama; arik’ uhereye iri zuba nzobaha umugisha.


yateguriye Tobiya nyene icumba kinini, aho bāhora babīka amashikanwa y’amafu n’imibavu, bakahabīka n’ibintu vy’imbombovu, kandi hābīkwa n’ibigiracumi vy’impeke n’ivya vino n’ivy’ amavuta ya elayo, ari vyo ivyagezwe vyashinze ko bihabga Abalewi n’abaririmvyi n’abashibamyi, hamwe n’amashikanwa azunguzwa yahabga abaherezi.


Kandi mu gihe ca Zerubabeli na Nehemiya Abisirayeli bātanga imituri y’abaririmvyi n’iy’ abashibamyi, nk’uko vyashinzwe ku musi n’umusi; bakongera bagaha Abalewi ivyejejwe, Abalewi na bo bakabihakw abo kuri Aroni.


Mu mwaka ugira amajana atandatu Nowa abayeho, mu kwezi kwa kabiri, ku musi wakwo w’icumi n’indwi, amasōko yose y’i kuzimu arapumuka, ingomero zo mw ijuru zose ziragomororwa.


Ibicu iyo vyuzuyemw’ imvura vyisukanurira kw isi; kand’ igiti iyo gihenuka cerekeye i bumanuko, canke cerekeye i burārūko, aho hantu igiti cahenukiye ni ho kiguma.


Abandi Balewi bagenzi babo, abājejwe ububīko bgo mu ngoro y’Imana, n’ububīko burimw’ ivyeguriwe Uhoraho, bār’ aba:


Ni mwahora mugendera mu mabgirizwa yanje, mukitondera ivyagezwe vyanje, mukavyumvira;


Kand’ az’ abe ari ho mujana ibimazi vyanyu vyo kwoswa n’ibimazi vyanyu bindi, n’ibigiracumi vyanyu mutanga, n’amashikanwa yanyu mumugereye, n’ayo gushitsa amasezerano, n’ayo mutanga muvyigombeye, n’iz’ uburiza zo mu masho yanyu no mu mikuku yanyu;


Ntimuze mubure gutanga ikigiracumi co mu vyo mwejeje ku mbuto mwateye, ukw imirima yanyu izokwera uk’ umwaka utashe.


kugira ngw Abalewi, kuko badafise umugabane cank’ ishamvu muri mwebge, bo n’ inyambukīra, n’impfuvyi, n’abapfakazi, baba i wanyu, babone kuza, barye, bahāge; kugira ng’ Uhoraho Imana yanyu abahezagire mu bikorwa mukora vyose.


Yamar’ ibarira ibicu vyo hejuru, Yugurura inzugi z’ijuru;


Nzoziha umugisha hamwe n’uturambi duherereye ku musozi wanje; kandi nzorekura imvura mu gihe cayo; hazogwa imvura ihesha umugisha.


Indobanurwa z’imishuzo yose y’ivyimburwa vyose, bo n’ishikanwa mushikana ry’ikintu cose, bize bibe ivy’ abaherezi: kandi muze mucire umuherezi kw ifu yanyu y’umushuzo isewe iheretuwe, kugira ngw amazu yanyu ahoremw’ umugisha.


Kandi kur’ uwo musi nzokwitaba ijuru, ni jewe Uhoraho mbivuze, na ryo ryitabe isi,


Uhoraho yishura abantu biwe, at’ Ehe ngira mbarungikire amasaka na vino n’amavuta ya elayo, maze muzota akabi: kandi sinzosubira kubahindura agatukisha mu mahanga.


Imbuga zizokwuzurakw ingano, n’amāto azobōgabōga vino n’amavuta ya elayo.


n’iri buye nshinze kw inkingi rizoba inzu y’ Imana: ati Kandi ku vy’uzohora umpa vyose, sinzobura kuguhamw’ ikigiracumi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ