Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 3:1
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho yabariye Umwami wanje, at’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava y’ibirenge vyawe.


Ehe ngira ntume umumarayika imbere yanyu, abazigame mu nzira, abashikane aho nateguye.


Muze mumwubahe, mumwumvire, ntimuze mumugararize, kukw atazobaharira ibicumuro vyanyu, kukw izina ryanje riri muri we.


Eh’ Uhoraho Imana azoza afise ubushobozi, kand’ ukuboko kwiwe kuzomutwarira: rāba, azoza azanye impēra, kand’ inyishu yiwe ir’ imbere yiwe.


Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.


Ni co gitumye Uhoraho ubgiwe ari we agira abīhēre ikimenyamenya: Rāba, inkumi izosama inda, ivyare umwana w’umuhungu, izomwita Imanuweli.


Kuk’ umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu; ubutware buzoba ku bitugu vyiwe: azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.


Maze Hagayi, intumwa y’Uhoraho, abgira abantu ubutumwa batumweko n’Uhoraho, at’ Uhoraho agize ngw Ari kumwe namwe.


Ni ho muzomenyera kw ari jewe nabarungikiye iryo bgirizwa, kugira ngw isezerano nasezeranye na Lewi rimugumeko, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kukw akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’ Uhoraho Nyen’ ingabo.


Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kand’ uteye ubgoba utarashika.


kandi ni mwaba mugomba kuvyemera, uwo ni we Eliya yavuzwe kw azoza.


Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Īsumba vyose, Kuk’ uzokwītangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe:


Kandi yigishiriza mu rusengero imisi yose. Arikw abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abantu bakuru‐bakuru bo mur’ ubgo bgoko barondera ingene bomwica,


Uyu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami.


Ako kanya aca araza, ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibgira abāri barorereye ugucungurwa kw’i Yerusalemu bose.


Hashize imisi itatu bamubona mu rusengero, yicaye mu bigisha hagati, abumva, kand’ ababaza.


Paulo ati Yohana yabatije umubatizo wo kwihana, abarira abantu ko bakwiye kwizera ūzoza hanyuma yiwe, ni Yesu.


Kand’ uwo Mose ni we yari mw ishengero ryo mu bugaragwa, ari kumwe n’umumarayika yavuganiye na we ku musozi Sinayi, kand’ ari kumwe na ba sogokuruza; kandi yaherejwe amajambo y’ubugingo ngw aduhe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ