Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nanje ni co gitumye mbahindura inkēngērwa, nkabacisha bugufi imbere y’abantu bose, kuko mutakomeje inzira zanje, ariko mukarobanura abantu ku cubahiro mu vy’ivyagezwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 2:9
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mikaya aravuga, ati Ni waramuka utabarutse amahoro, Uhoraho azoba atamvugishije. Arongera ati Mwa bantu mwese, muraba muvyumvise!


Muntunge, mvuge ntarobanuye abantu ku butoni; Sinogira umuntu n’umwe nohema.


Kwibuka umugororotsi kurimw’ umugisha, Arikw izina ry’umunyavyaha rizozimangana.


Umuntu ashimirwa ubgenge bgiwe nk’uko bungana, Arik’ ūfise umutima ugoramye baramugaya.


Ngo N’iyo myitwikiro yanyu azoyitabagura, uti Maze ngw akize abantu biwe, abakūre mu maboko yanyu, ngo Kandi nta ho bazokwongera kuba mu maboko yanyu nk’abāfashwe; uti Nuko muzomenya yukw ari we Uhoraho.


Ivyago bizogerekerana n’ibindi, n’impuha zigerekerane n’izindi; bazoja kuronderera k’ūvugishwa n’Imana ko yoba har’ ico yeretswe; kukw ivyagezwe bizobura ku muherezi, n’inama zibure ku bo hambere.


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


ngutere ivyatsi, nguhindure agashinyo, nkugire akabarore.


Rāba nzovuma imbuto zanyu, ari mwebge mubinteye, kandi nzobasīga mu maso amayezi y’ibimazi vyanyu; muzoyoranwa na yo.


Ariko mweho mwarakebeje muta inzira; mutsitaje benshi mu vy’ivyagezwe; mwononye isezerano rya Lewi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Maz’ uwo agomvye kwiyerekana nk’ūgororotse, abaza Yesu, ati Mbega mugenzanje ni nde?


Ariko muzobona ibara, Bafarisayo, kuko mutanga ikigiracumi c’imbgija n’isogi n’imboga zose, ariko guca izibereye no gukunda Imana mukavyirengagiza. Ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.


Arikw abashimwa kw ari bakuru — uko bari bameze ubga mbere simbibabaye, kubganje vyose ni bimwe, Imana ntirobanura abantu ku cubahiro — abo bashimwa nta co bānyongerereje.


Nti Ntimuze muce urwa nkunzi, nt’ Ariko muze mwumvirize aboroshe n’abahambaye, mubanganye: nti Ntimuze mutinye umuntu ku kigohe, kukw imanza ar’ iz’ Imana. Nti Kand’ urubanza ruzobananira, muze murunzanire, ndarwumvirize, ndaruce.


Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ