Nuko Uriya yubaka igicaniro nk’ico, nk’ukw icitegererezo cari kimeze kwose, ico umwami Ahazi yamurungikiye ar’ i Damasiko; uko ni ko Uriya umuherezi yacubatse, kugira ng’ umwami Ahazi, ni yaza avuye i Damasiko, az’ asange cuzuye.
Yamar’ abantu banje baranyibagiye, boshereje imibavu ibitagira ikimazi; vyatumye batsitara mu nzira zabo, ni zo nzira za kera, ngo bajane inzira zikikamye, inzira zitanoze,
Ko bābakoreye bar’ imbere y’ibigirwamana vyabo, bakabera ab’ inzu ya Isirayeli igitsitaza co kubacumuza, ni co catumye mmanika ukuboko mbarahira yuko bazogibgako n’ibigabitanyo vyabo, ni k’Umwami Uhoraho agize.
Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?