Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 2:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ariko mweho mwarakebeje muta inzira; mutsitaje benshi mu vy’ivyagezwe; mwononye isezerano rya Lewi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 2:8
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Uriya yubaka igicaniro nk’ico, nk’ukw icitegererezo cari kimeze kwose, ico umwami Ahazi yamurungikiye ar’ i Damasiko; uko ni ko Uriya umuherezi yacubatse, kugira ng’ umwami Ahazi, ni yaza avuye i Damasiko, az’ asange cuzuye.


Ndaheza ndasaba, nt’ Ewe Mana yanje, ubibuke kuko bāhumanije ubuherezi bo n’isezerano ry’ ubuherezi nyene n’iry’ Abalewi.


Sinzotirimuka mu manza zawe ziroranye, Kukw ari wewe wanyigishije.


Kuko nitondeye inzira z’ Uhoraho, Kandi sinakoze icaha co kureka Imana yanje:


Umuntu ashimirwa ubgenge bgiwe nk’uko bungana, Arik’ ūfise umutima ugoramye baramugaya.


muve mu nzira mukikame, mukūre Uwera w’ Abisirayeli imbere yacu.


turacumura kandi twihakana Uhoraho, duta inzira tukareka gukurikira Imana yacu, tukavuga ivy’ agahahazo n’ubugarariji; dusama inda y’ ibinyoma, tukabivuga biturutse mu mutima.


Kukw abarōngōra ubu bgoko babuzimiza, kand’ abarōngōwe na bo barahona.


Ewe Uhoraho, vyizigiro vy’Abisirayeli, abagutaye bose bazorimarima; abakuvako bazokwandikwa mu mukungugu gusa, kuko bataye Uhoraho, ari we sōko y’amazi y’ ubugingo.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Aravumwe umuntu yishimira abantu, akizigira inkomezi z’abari n’umubiri, umutima wiwe ukava k’Uhoraho.


Yamar’ abantu banje baranyibagiye, boshereje imibavu ibitagira ikimazi; vyatumye batsitara mu nzira zabo, ni zo nzira za kera, ngo bajane inzira zikikamye, inzira zitanoze,


Abaherezi ntibārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe? N’abafise ibango ry’ivyagezwe ntibāmmenye; abaragiye igihugu bārancumuyeko, kand’ abo nari kuvugisha basigaye bavugishwa na Bayali, bakurikira ibitagira ikimazi.


Abaherezi baho bishe ivyagezwe vyanje ku manyama, bazirūye ivyera vyanje: ntibashize itandukaniro hagati y’ivyera n’ibitar’ ivyera, canke ngo bamenyeshe abantu uko bakwiye gutandukanya ibihumanye n’ibidahumanye, kandi n’amasabato yanje barayirengagije; nuko nsigaye nkēngēretse muri bo.


Mbere n’Abalewi bāngiye kure, igihe Abisirayeli bāzimira, bakanta bagakurikira ibigirwamana vyabo, na bo bazogibgako n’ibigabitanyo vyabo.


Ko bābakoreye bar’ imbere y’ibigirwamana vyabo, bakabera ab’ inzu ya Isirayeli igitsitaza co kubacumuza, ni co catumye mmanika ukuboko mbarahira yuko bazogibgako n’ibigabitanyo vyabo, ni k’Umwami Uhoraho agize.


ko mwinjije abanyamahanga batākebge mu mitima no ku mibiri ngo babe ahēra hanje, ngo bahumanye ingoro yanje, igihe mutanga ivyo kurya vyanje vy’ ibinure n’amaraso, maze bakica isezerano ryanje, bakongereza ku bizira vyanyu vyose.


Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.


kugira ngo ntaz’ atume uruvyaro rwiwe ruhinduka uruhumanye mu bgoko bgabo: kukw ari jewe Uhoraho ndamweza.


Abavugishwa bawo n’ibihuruduka kandi n’abaryarukanyi; abaherezi bawo bahumanije ahēra, kandi bishe ivyagezwe ku manyama.


Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?


Isezerano nasezeranye na we ryar’ iry’ ubugingo n’amahoro; nabimuhaye ngw anyubahe: maz’ aranyubaha, ahindishwa agashitsi n’izina ryanje.


Ni co gituma ukwiye kuvuga yuko mmuhaye isezerano ryanje ry’amahoro,


rizomubera isezerano ry’ubuherezi bg’intahava, bo n’uruvyaro rwiwe, kuko yagize ifūhe kubganje, jewe Imana yiwe, agatangira Abisirayeli impongano.


Ni ciza kutarya inyama, canke kutanywa vino, canke kudakora ikindi cose gitsitaza mwene So, canke kimugwisha, canke kimutera intege nke.


Bene Data, ni mwirinde, ntihagire uwo muri mwebge agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima.


Uko ni kw icaha c’abo basore cabaye igikomeye imbere y’Uhoraho, kuko bākēngēra ikimazi ciwe.


Eka bana banje, ivyo numva bavuga kuri mwebge si vyiza, kandi muracumuza abantu b’Uhoraho.


Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ