Nuko Uriya yubaka igicaniro nk’ico, nk’ukw icitegererezo cari kimeze kwose, ico umwami Ahazi yamurungikiye ar’ i Damasiko; uko ni ko Uriya umuherezi yacubatse, kugira ng’ umwami Ahazi, ni yaza avuye i Damasiko, az’ asange cuzuye.
Muze mwitwaririke ivy’ indwara y’imibembe, kugira ngo mugire umwete wo kwitondera no gushitsa ivyo abaherezi ari bo Balewi bazobigisha vyose; nk’ukw abo nabibageze, az’ abe ari ko namwe muvyitondera, mubishitse.