6 Icagezwe c’ukuri caba mu kanwa kiwe, kandi mu minwa yiwe nta bigoramye vyahumvikana; yagendana nanje mu mahoro no mu bugororotsi, yahindura benshi bakareka ibigabitanyo.
Iyaba bārabaye mu nama yanje baba bātumye abantu banje bumva amajambo yanje, kandi baba bārabahindukije bakava mu nzira yabo mbi, no mu bikorwa vyabo bibi.
kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.