Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 2:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Icagezwe c’ukuri caba mu kanwa kiwe, kandi mu minwa yiwe nta bigoramye vyahumvikana; yagendana nanje mu mahoro no mu bugororotsi, yahindura benshi bakareka ibigabitanyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 2:6
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’ utungane rwose.


Uru ni rwo ruvyaro rwa Nowa. Nowa yar’ umugororotsi, ntiyagira agasembga mu gihe c’urunganwe rwiwe: kandi Nowa yagendana n’ Imana.


Ukugororoka kwawe n’ukugororoka kw’ibihe bidashira: Ivyagezwe vyawe n’ukuri.


Wewe Uhoraho, uri hafi: Amabgirizwa yawe yose n’ ay’ ukuri.


Akanwa k’umugororotsi kavuga ivy’ ubgenge, N’ururimi rwiwe ruvuga ibiroranye.


Witegereze ūtunganye rwose, urābe umugororotsi: Kukw amaherezo y’ūmeze artyo ar’ amahoro.


Kugira ng’ ugumye amakenga, N’iminwa yawe izigame ukumenya.


Iyaba bārabaye mu nama yanje baba bātumye abantu banje bumva amajambo yanje, kandi baba bārabahindukije bakava mu nzira yabo mbi, no mu bikorwa vyabo bibi.


Kand’ abāgize ubgenge bazokayangana nk’ugukayangana kwo mw itāzānure ry’ijuru, n’abashikanye benshi ku bugororotsi bazokwaka nk’inyenyeri ibihe bitazoshira.


Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.


Bamutumakw abigishwa babo hamwe n’abantu ba Herode, bati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umunyakuri, kandi ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri, kandi k’udatinya umuntu n’umwe ku kigohe; kuk’ udatinya ijunja ry’abantu:


Bāje baramubgira, bati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umunyakuri, kandi k’udatinya umuntu wese ku kigohe, kuk’ udatinya ijunja ry’abantu, ariko ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri. Mbega biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?


Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa.


Baramubaza, bati Mwigisha, turazi yuk’ uvuga kandi wigisha neza, kandi k’udatinya ijunja ry’abantu, ariko ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri:


kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.


Bazokwigisha aba Yakobo amatēka washinze, Bigishe Abisirayeli ivyagezwe vyawe. Bazokumotereza imibavu, Bakwosereze ibimazi bidasonōye ku gicaniro cawe.


Aba Lewi abavugako, Ati Tumimu zawe na Urimu zawe zifiswe n’umukunzi wawe, Uwo wageragereje i Masa, Ugahārīrira na we ku mazi y’i Meriba.


Lewi yavuze ku vya se na nyina, ati Sinkibamenya; N’abo bavukana ntabemera, Canke ngw anamenye n’ivy’ abana biwe ubgiwe; Kukw Abalewi bakomeje ijambo ryawe, Bakitondera isezerano ryawe.


Kandi mu kanwa kabo ntihābonetsemw’ ikinyoma: nta gasembga bagira.


Kandi bene Eli bār’ abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’ Uhoraho,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ