Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Isezerano nasezeranye na we ryar’ iry’ ubugingo n’amahoro; nabimuhaye ngw anyubahe: maz’ aranyubaha, ahindishwa agashitsi n’izina ryanje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 2:5
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko wewe Mana, wumvise amasezerano yanje: Umpaye umwandu uhabga abubaha izina ryawe.


Ūgendera mu bugororotsi bgiwe yubaha Uhoraho, Arik’ ūgoramangika inzira ziwe aba amukēngereye.


Kandi nzosezerana na zo isezerano ry’amahoro, kandi nzoherengeteza ibikōko vy’inkazi mu gihugu: maze zizokwibera amahoro mu gahinga, zīryamire mu mashamba.


Kand’ ikigeretseko, nzosezerana na bo isezerano ry’amahoro, ribabere isezerano ritazoshira. Nzohabegurira ndabagwize, kand’ ahēra hanje nzohashinga hagati yabo gushitsa ibihe bidashira.


Maze Finehasi mwene Eleyazari, Eleyazari wa Aroni umuherezi, abibonye, ava hasi hagati mw ishengero, ahitana icumu,


akurikira wa mugabo w’Umwisirayeli haruguru mw ihema ryiwe, abatobekeranisha icumu bompi, wa mugabo w’Umwisirayeli na wa mugore, umugore rimutobekeranya mu nda. Uko ni kw ikīza cābogojwe mu Bisirayeli.


ati Shingūra Abalewi, ubashire mu gishingo c’imfura zose z’Abisirayeli, n’amasho n’imikuku vy’ Abalewi ubishire mu gishingo c’ivyabo; Abalewi babe abanje niharije: nd’Uhoraho.


Hanyuma y’ivyo Abalewi babone kuza ngo bakore ibikorwa vy’ihema ry’ibonaniro; nuk’ ubahumanure, ubatange kw ishikanwa rijungujwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ