Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ni ho muzomenyera kw ari jewe nabarungikiye iryo bgirizwa, kugira ngw isezerano nasezeranye na Lewi rimugumeko, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 2:4
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mikaya aramwishura, at’ Uzoba urabimenya ku musi uzokwitera haruguru mu mpete winyegeza.


Ndaheza ndasaba, nt’ Ewe Mana yanje, ubibuke kuko bāhumanije ubuherezi bo n’isezerano ry’ ubuherezi nyene n’iry’ Abalewi.


Uhoraho, umanitse ukuboko, yamara ntibabibona; ariko bazobona umwete ugirira abantu, bamāramāre; mber’ umuriro uzorigata abansi bawe.


Ivyo ni vyo bizotuma ukugabitanya kwa Yakobo kuzokwozwa, kumuveko; kand’ imbuto zose zizova mu gukūrwakw icaha ciwe n’izi: n’ukw azohindura amabuye yose y’igicaniro nk’ingwa y’amabuye ihondaguwe, kugira ngw inkingi zari zarashingiwe Ashera n’iz’ izuba ntizize zishingwe ukundi.


Ūvugishwa akavuga ivy’ amahoro, ijambo ry’ uwo muvugishwa ni ryashika, ni ho uyo muvugishwa azomenyekana yuk’ Uhoraho yamutumye koko.


Arikw igihe vya bindi bizoshikira, (kand’ ehe biraje!) ni ho bazomenya yuk’ ūvugishwa n’ Imana yamye muri bo.


Uko ni ko nzogaragaza icubahiro canje, niyerekane ko nd’ Uwera, kandi nzokwimenyekanisha mu maso y’ amahanga menshi; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


ko mwinjije abanyamahanga batākebge mu mitima no ku mibiri ngo babe ahēra hanje, ngo bahumanye ingoro yanje, igihe mutanga ivyo kurya vyanje vy’ ibinure n’amaraso, maze bakica isezerano ryanje, bakongereza ku bizira vyanyu vyose.


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kandi bene wanyu, ab’ umuryango wa Lewi, umuryango wa sogokuruza, ubazane, mwīgirane hafi, bafatanye nawe, bagutumikire, iyo mur’ imbere y’ihema ry’Ibishinga intahe, wewe hamwe n’abana bawe.


Abalewi ehe mbahaye ibigiracumi vyose Abisirayeli batanga, kuba ari vyo biba ishamvu yabo, ndabibahaye kw impembo y’ibikorwa bakora vyo mw ihema ry’ ibonaniro.


Ni co gituma ukwiye kuvuga yuko mmuhaye isezerano ryanje ry’amahoro,


ati Rāba jewe nisobanuriye Abalewi mu Bisirayeli bandi, ngo babe mu gishingo c’abana bose b’ubuzibūra bg’Abisirayeli: Abalewi bose bazoba abanje niharije.


ati Shingūra Abalewi, ubashire mu gishingo c’imfura zose z’Abisirayeli, n’amasho n’imikuku vy’ Abalewi ubishire mu gishingo c’ivyabo; Abalewi babe abanje niharije: nd’Uhoraho.


Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, kand’ azokubūra imbuga yiwe neza, yimburire ingano ziwe mu kigega, maz’ umuguruka awuturire mu muriro utazima.


muti N’umukungugu wo mu gisagara canyu, ufashe mu birenge vyacu, turawubakunkumuriye: ariko mumenye iki, yuk’ ubgami bg’Imana buri hafi.


Ishami ryose ryo muri jewe ritāma, arikūraho; kand’ iryama ryose araritūtūrira, ngo rirushirize kwama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ