3 Rāba nzovuma imbuto zanyu, ari mwebge mubinteye, kandi nzobasīga mu maso amayezi y’ibimazi vyanyu; muzoyoranwa na yo.
ngo Nuko rero, ngo Ni co kizotuma atēza ivyago inzu ya Yerobowamu, agaherengeteza izinamuhungu wese kuri Yerobowamu aho bava bakagera mu Bisirayeli, ngw Agafyēfyētura inzu ya Yerobowamu, nk’uk’ umuntu afyēfyētura amavyi akayamaririkanya.
Azoshira buheriheri nk’ umwanda umuvuyemwo: Abāhora bamubona bazovuga, bati Mbeg’ ari hehe?
Imana idūze mu mpundu, Uhoraho adūze mu majwi y’ inzamba.
Bāyogereye kuri Endori, Bācitse intabire y’imisozi.
Arikw inyama z’iyo masa, n’urusato rwayo, n’amayezi yayo, ubituririre inyuma y’insago: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.
bazoyanikira musi y’izuba n’ukwezi n’ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru, ivyo bākunda bakabisaba bakabigendanira bakabishishikarira bakabisenga: ntazosubira kwegeranywa ngw ahambge, arikw azoba nk’intabire yometse ku misozi.
Imirima irononekaye, n’igihugu kiraganya; kukw amasaka yononekaye, na vino z’umubira zikamye akagīrīre, kand’ amavuta ya elayo na yo aherengeteye.
Imbuto zumiye mu masīze; ibigega birasivye, n’ivya nyamugari birasambuwe; kukw amasaka arumbiranye.
nanje uko nzobagira n’uku: nzobagomorera ibibaca ivutu; kugenda mukōnyēra bo no kurwara inyonko bizotuma muhwera mu kajisho, imitima yanyu ihondobēre: muzorimira ubusa, kukw abansi banyu ari bo bazobirya.
ngutere ivyatsi, nguhindure agashinyo, nkugire akabarore.
Nanje ni co gitumye mbahindura inkēngērwa, nkabacisha bugufi imbere y’abantu bose, kuko mutakomeje inzira zanje, ariko mukarobanura abantu ku cubahiro mu vy’ivyagezwe.
Nta co umaze mu ndimiro canke mw icukiro: bapfa kuwuta. Ūri n’amatwi yumva ni yumve.
iyo batwambika ibara turabahōyahōya. Twahindutse umwavu w’isi, n’udukokorwa kuri bose gushitsa n’ubu.
Muzosohora imbuto nyinshi, mwimbure bike, kukw inzige zizobirya.