Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ni mwanka kwumva, mukanka kurishirak’ umutima, ntimuheshe izina ryanje icubahiro, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nzobavuma wa muvumo, n’imigisha yanyu nzoyivuma; mbere mmaze no kuyivuma, kuko mutarishizek’ umutima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 2:2
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ameza yabo ahinduke ururiba imbere yabo: Bakiri mu mahoro, ahinduke umutego.


Umuvumo w’Uhoraho uri mu nzu y’abanyavyaha, Arikw ahezagira ingo z’abagororotsi.


Ni co catumye aturekurirak’ uburake bgiwe bg’inkazi n’intambara zikomeye; bikaduturira impande zose, kandi ntitwabimenya, vyaraduturiye yamara ntitwabishirak’ umutima.


Urīyāga, uti Nzoba umugabekazi ibihe bidashira. Ivyo ntiwarushe ubishirak’ umutima, canke ngo wibuke iherezo ryavyo.


Mbeg’ uwo watinya ukamugirira ubgoba ni nde, bigatuma ubesha, ntunyibuke, ng’ ubishirek’ umutima? Mbega simmaze igihe kinini ncereje, si co catumye utanyubaha?


Nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Ntimwanyumviye, ngo mutange umwidegemvyo, ng’ umuntu wese arekure mwene wabo, umuntu wese arekure mugenzi we: nuko rero nanje ntanze umwidegemvyo kuri mwebge, ni jewe Uhoraho mbivuze, w’inkota n’ikīza n’inzara; kandi nzotuma mutererekanywa irya n’ino mu bihugu vy’ abami bose bo mw isi.


Arikw inzu ya Isirayeli ntizokwumvira, kuko nanje banse kunyumvira: kukw ab’ inzu ya Isirayeli bose mu ruhanga rwabo ar’abanyakadāda, bikomantaje imitima.


Mubiba vyinshi, mukimbura bike; kurya murarya, ariko ntimushira inzara; kunywa muranywa, ariko ntimushira inyota; kwambara murambara, ariko ntimushira imbeho; kand’ ūca amahera ayacira mu mupfuko utobotse.


Mwaziga vyinshi, mugize murtya musanga ni bike; kandi n’iyo mubizanye i muhira ndabitūvya. Biva ku ki? ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo abajije. Biva ku ngoro yanje irekewe ngaho igihomvaguritse, namwe mweho umuntu wese agakobereza inzu yiwe ubgiwe.


Nuko rero mwa baherezi mwe, iri bgirizwa ni mwebge ndaribgirije.


Wa muvumo murawuvumwe: kukw ihanga ryose uko mungana mwangunze.


Nta bandi babonetse ngo bagaruke guhimbaza Imana, atar’ uyu munyamahanga?


Maze Yosuwa abarira Akani, ati Mwana wanje, enda ni wubahe Uhoraho Imana y’Abisirayeli, uyishire hejuru; mbarira ico wakoze, ntumpishe.


Umuntu iy’ avuze, avuge nk’ūbivugishijwe n’Imana: umuntu iy’ agabuye, agabure nk’ūfise ubushobozi Imana itanga; kugira ngw Imana iterwe icubahiro muri vyose, kubga Yesu Kristo, afise icubahiro n’ububasha ibihe bitazoshira. Amen.


Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.


Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi, barogota kw izina ry’Imana igaba ivyo vyago, ntibihana ngo bayihimbaze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ