Ni waramuka ugiriye nabi abakobga banje, canke ni wabaharika, umenye yuko, nah’ ata wundi muntu azoba ariho, Imana izoba ari yo cabona hagati ya twe nawe.
Bana umunezero, mwe n’umugore wawe ukunda, imisi yose y’ ukubaho kwawe kw’ubusa, yaguhaye musi y’izuba, ni yo misi yawe yose ipfa ubusa: kukw ivyo ari vyo mugabane wawe wo mur’ ubu bugingo, no mu miruho yawe uruhira musi y’izuba.
Kuko jewe Uhoraho nguhamagaye nk’umugore w’intābga afise intuntu mu mutima, ngucūye nk’umugore wo mu bucance yari yarirukanywe, ni jewe Imana yawe mbivuze.
Barabaza, bati Mbeg’ igituma twisonzesha, nturuhe ubibona, ni ku ki? Igituma twibabaza, nawe ukavyirengagiza, ni ku ki? Erega mbiterwa n’uko ku musi wanyu wo kwisonzesha mupfa kwikorera ivyanyu, mugakoresha nabi abakozi banyu bose.
Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobazira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Ni mwumve, mwa moko yose mwe; tega amatwi nawe wa si, n’ibiri muri wewe vyose! Umwami Uhoraho n’abe icagiriza canyu, Umwami ari mu rusengero rwiwe rwera.