13 Kand’ ikigeretseko mukora, mutotesha igicaniro c’Uhoraho amosozi, mwīriza, musuhuza imitima, bigatuma atanakibabaye amashikanwa yanyu, ngw ayākīre ayemeye.
Bukeye haba ugutaka gukomeye, abantu n’abagore babo bidodombera bene wabo b’Abayuda,
Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.
Ikimazi abanyakibi batanga kirasesema: Mbeg’ iy’ akizananye umutima mubi, ntikirushiriza kuba igisesema?
Nuko ndasubira nitegereza ivy’ agahahazo vyose bikorerwa musi y’izuba: kand’ eh’ amosozi y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ ububasha bgari ku ruhande rw’ ababahahaza, ariko bo ntibaronke ikibīrūra.
None rero ntusengere ubu bgoko, ntubītwarire canke ng’ ubasabire; kuko ntazobumva igihe bazontakambira babonye ivyago vyabo.
Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.
Bimaze iki kunkūrira ibintu bimoga i Sheba, na kanehe imota neza ivuye mu gihugu ca kure? Ibimazi vyanyu vyoswa simbishima, kand’ ivyo mukerera ntibimpimbara.
Icompa hakagira n’umwe muri mwebge yugara inzugi, ngo mureke gucanira ubusa ku gicaniro canje! Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye.
Muze mwirinde, mu mitima yanyu ntihaze haze iciyumviro kibi, ngo muvuge muti Wa mwaka ugira indwi wo guheberanira uri hafi; bigatuma mwirengagiza kubg’ uwo mukene w’i wanyu, mukanka kugira ico mumuha; na we akazohava atakambira Uhoraho abarega, mukagībgako n’icaha.
sinatamiye kur’ ivyo vyarobanuwe ngandaye; sinabiteruye mpumanye, canke ngo ndabitange kw ibiterekerezwa imizimu; ariko numviye wewe Uhoraho Imana yanje, nitondeye ivyo wangeze vyose.