Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ūkora ben’ ivyo, Uhoraho azomurandura mu mahema ya Yakobo, ar’ umuteramyi, ar’ uwitaba, ar’ ūshikanira Uhoraho Nyen’ ingabo ishikanwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 2:12
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze bapfinda ubupfindo, ngo barābe ingene bagiye gukurikirana mu bikorwa, bose bapfinda kumwe, abato n’ abakuze, abigisha n’abigishwa.


Kuko jewe Uhoraho nkunda ibiroranye, nanka ubgambuzi n’ibigabitanyo; kandi nzobashumbusha ibikwiranye n’ukuri kwanje, nzosezerana namwe isezerano ritazoshira.


Ūkerera inka, ahwanye n’uwica umuntu; ūtanga umwagazi w’ intama kw ikimazi, ahwanye n’ ūvuna imbga izosi; ūshikana ishikanwa ry’amafu, ahwanye n’ ūzanye amaraso y’ingurube; uwosa imibavu, ahwanye n’ūhezagira ikigirwamana. N’ukuri koko bitoranirije inzira zabo ubgabo, imitima yabo ihimbarwa n’ ibizira vyabo vy’ubuyobe.


Kandi bazogibgako n’ ibigabitanyo vyabo: ibigabitanyo vya kamenyi bizohwana n’ivy’ ūje kumusiguza ijambo;


riti Bgira ab’ inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ngira mpumanye ahantu hanje hēra, aho mwishimira yukw ari ho bubasha bganyu, mukahamizakw amaso, imitima yanyu ikahagirira igishika; kand’ abahungu banyu n’abakobga banyu mwasizeyo bazoririkwa n’ inkota.


Naho borera abana babo, nzobabahēkūra, ntihaze hagire umuntu asigara: mbere bazobona ibara igihe nzoba mbataye!


Kuk’ umuntu wese azogira ico akora na kimwe mur’ ivyo vyose bizira, abazobikora bose bazorandurwa bakūrwe mu bgoko bgabo.


Nanje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera.


Mbere naho mwonshikanira ibimazi vyoswa n’amashikanwa y’amafu, sinzovyemera; kand’ ibimasa vyanyu binuze muzanakw ibimazi vy’ ishimwe, sinzobishirako n’ijisho.


Kand’ Uhoraho azobanza gukiza amahema y’Abayuda, kugira ngw ishimwe ry’inzu ya Dawidi n’ishimwe ry’ababa i Yerusalemu ryoye gushirwa hejuru gusumba iry’ Abayuda.


Icompa hakagira n’umwe muri mwebge yugara inzugi, ngo mureke gucanira ubusa ku gicaniro canje! Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye.


Ikindi muvuga, mut’ Ewe miruho turimwo! kandi muravyimyoza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kandi muzana ico munyaze, n’igicumbagira n’ikirwaye: uko ni ko muzana amashikanwa. Mbega ben’ ayo mashikanwa noyemera? ni k’Uhoraho abaza.


Mbega twese ntidusangiye Data? Imana yaturemye s’imwe? None n’iki gituma turyarukana, umuntu wese aryaruka mwene wabo, tukica isezerano ryasezeraniwe ba sogokuruza?


At’ Ewe kuntu amahema yanyu ari meza, yemwe aba Yakobo, Ukuntu imihana yanyu ari myiza, yemwe Abisirayeli!


Ni mubareke! N’impumyi zijana izindi. Arikw impumyi yojana iyindi mpumyi zompi zogwa mu cobo.


Arikw abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.


Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


Ni co catumye ndahira ab’ inzu ya Eli, yukw ibigabitanyo vyabo bitazotangirwa impongano, n’iyo coba ikimazi cank’ ishikanwa, gushitsa ibihe vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ