11 Yuda araryaruka, kandi bakora ibizira mu Bisirayeli n’i Yerusalemu; kuko Yuda ahumanije ahēra Uhoraho akunda, yābiriye umukobga w’imana y’inyamahanga.
Maze Shekaniya mwene Yehiyeli, umwe wo mu bandurutse kuri Elamu, abgira Ezira, ati Twacumuye ku Mana yacu, ko twābiriye abanyamahangakazi bo mu mahanga yo mur’ ibi bihugu; yamara naho bimeze birtyo haracar’ ivyizigiro vy’ukw Abisirayeli bokira.
kand’ uti Ntimuze mushingirane na bo, ntimuze mwigere mubendeza ivy’ amahoro cank’ ivyiza, kugira ngo mubone kugira inkomezi, murye ivyiza vyo mu gihugu, muzokiraga n’abana banyu kibe inyegu yabo ibihe vyose.
Kandi bifatanya na Bayali‐Peyori, Barya ivyaterekerejwe imizimu.
Isirayeli yar’ uwo nirobanuriye, jewe Uhoraho, yar’ umushuzo mu bikikimvye vyanje. Abazomurya bose bazobakw igicumuro; ivyago bizobazako, ni jewe Uhoraho mbivuze.
Kandi nah’ ivyo bimeze birtyo, mwene nyina Yuda Inamuryarukanyi ntiyangarutseko n’umutima wose atar’ ukugaruka mu buryarya, ni jewe Uhoraho mbivuze.
maze mukaza mugahagarara imbere yanje mur’ iyi ngoro yitirirwa izina ryanje, mukavuga, muti Turakijijwe: mwaheza mugakora ivyo bizira vyose?
akagurānira kuzohabga ay’ inyungu, akāka ibirenzeko: ben’ uyo mbega yobaho? Eka ntiyobaho: ko yoba yarakoze ivyo bizira vyose, ntiyobura gupfa; kand’ amaraso yiwe azoba kuri we.
Umuntu akorana ibizira n’ umugore w’umubanyi wiwe; uwundi yononesha ubushakanyi umukazana wiwe; uwundi wo muri wewe afata mushiki we basangiye se.
Ariko bo, bishe isezerano nka Adamu: aho ni ho bāndyarukiye.
Kandi muze mumbere abera, kuko jewe Uhoraho nd’ uwera, kandi nabatandukanije n’ayandi mahanga ngo mube abanje.
Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku Bisirayeli, yatumwe Malaki.
Kuko mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu, kand’ Uhoraho akaba yarabītoranirije mu mahanga yose yo mw isi kuba ihanga yiharije.
Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.
Barashingirana, batako basaba imana zabo.