Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Mbega twese ntidusangiye Data? Imana yaturemye s’imwe? None n’iki gituma turyarukana, umuntu wese aryaruka mwene wabo, tukica isezerano ryasezeraniwe ba sogokuruza?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 2:10
50 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndaheza ndasaba, nt’ Ewe Mana yanje, ubibuke kuko bāhumanije ubuherezi bo n’isezerano ry’ ubuherezi nyene n’iry’ Abalewi.


Mbeg’ iyandemeye mu nda ya mama si yo yamuremye na we? Iyatubumbiye mu nda s’ imwe?


Mumenye yuk’ Uhoraho ari we Mana: Ni we yaturemye, natwe tur’ abiwe, Tur’ abantu biwe, tur’ intama zo mu canya ciwe.


uti Mwarabonye ivyo yakoreye Abanyegiputa, n’ingene mweho yabateruye ku mababa nk’ay’ inkukuma akabazana iy’ ari.


Uti None rero, ni mwamwumvira vy’ ukuri, mukitondera isezerano ryiwe, muzomubera inyegu yiharije, yitoranirije mu mahanga yose: uti Kukw isi yose ar’ iyiwe;


Mose araza, abgira abantu amajambo yose y’Uhoraho n’ amabgirizwa yiwe yose: abantu bose bamwishurira icarimwe, bat’ Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora.


Araheza yābīra igitabo c’isezerano, agisomera abantu; baramubarira, bat’ Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora, kandi tuzomwumvira.


Ariko none, uku ni k’Uhoraho agize, uwakuremye, yewe Yakobo, kand’ akakubumba, yewe Isirayeli, ati Ntutinye, kuko nagucunguye, naguhamagaye izina, ur’ uwanje.


Ni jewe Uhoraho, Uwera wanyu, Umuremyi wa Isirayeli, Umwami wanyu.


n’umuntu wese yitirirwa izina ryanje, uwo naremeye icubahiro canje: naramubumvye, mbere naramuremye.


uku ni k’Uhoraho agize, uwakuremye akakubumba uhereye ukiri mu nda, kand’ ari we azogutabara: ati Ntutinye, yewe Yakobo musavyi wanje, yewe Yeshuruni uwo natoranije.


Mwitegereze Aburahamu sogokuruza, na Sara yabavyaye; kuko hamwe Aburahamu yar’ akir’ umwe rudende namuhamagaye, nkamuha umugisha, nkamugwiza.


Kuko wewe uri Data wa twese, naho Aburahamu atatuzi, kandi na Isirayeli ntatwemere: wewe ubgawe, Uhoraho, ni wewe Data; Umucunguzi wacu ni ryo zina ryawe uhereye kera hose.


Kandi nta n’umwe yambaza izina ryawe, nta wuruha yinanata ngo yimatanye nawe; kuko waduhishije mu nyonga hawe, ukaduhebera mu bigabitanyo vyacu.


Ariko noneho, Uhoraho, uri Data wa twese; tur’ ibumba, nawe ur’ umubumvyi wacu; twese tur’ igikorwa c’ intoke zawe.


Bazoza barira, kandi nzobarōngōra banyinginga, nzobacisha i ruhande y’inzūzi zuzuye, mu nzira igororotse aho batazotsitara; kuko Isirayeli namubereye se, Efurayimu n’imfura yanje.


riti Mwana w’umuntu, abasigaye baba mu matongo yo mu gihugu c’i Bgisirayeli baravuga, ngo Aburahamu yar’ umwe, ariko yahawe igihugu kw ishamvu; nkanswe tweho turi benshi, natwe turagihabga kuba ishamvu yacu.


Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?


Yuda araryaruka, kandi bakora ibizira mu Bisirayeli n’i Yerusalemu; kuko Yuda ahumanije ahēra Uhoraho akunda, yābiriye umukobga w’imana y’inyamahanga.


Ariko mweho mwarakebeje muta inzira; mutsitaje benshi mu vy’ivyagezwe; mwononye isezerano rya Lewi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana azomushengerana, n’abana bazogābagābira abavyeyi babicishe.


Bamutumakw abigishwa babo hamwe n’abantu ba Herode, bati Mwigisha, turazi yuk’ ur’ umunyakuri, kandi ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri, kandi k’udatinya umuntu n’umwe ku kigohe; kuk’ udatinya ijunja ry’abantu:


Mwoye kwiyumvira mu mitima, muti Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.


Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana: kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima, muti Ko dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.


Baramwishura, bati Aburahamu ni we data. Yesu arabishura, at’ Iyo muba mur’ abana ba Aburahamu, muba mukora ibikorwa nk’ivya Aburahamu.


Mukora ibikorwa nk’ivya so. Baramubgira, bati Twebge ntitur’ ibivyarwa: dufise Data umwe, n’Imana.


Mbeg’ uruta sogokuruza wacu Aburahamu? We ko yapfuye, n’abāvugishwa n’Imana na bo bakaba bārapfuye: wiyita nde?


Aburahamu sogokuruza wanyu yari yarahahamiye kubona umusi wanje, kandi yarawubonye, aranezerwa.


Imana Rurema, yaremye isi n’ibirimwo vyose, iyo, kukw ari yo Mwami w’ijuru n’isi, ntiba mu nsengero zubatswe n’amaboko,


kandi ntikorerwa n’amaboko y’abantu, nk’ūri n’ic’ akennye: kukw ari yo yahaye bose ubugingo, no guhumeka, n’ibindi vyose.


Kandi yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe, ngo basagaze mw isi yose, yashinze ibihe vy’imyaka ko bikūranwa uko yageze, icira abantu imbibe z’aho baba,


Na we aramwishura, ati Yemwe bene Data kandi ba data, ni mwumve: Imana y’icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ar’ i Mesopotamiya, ataraja kugerēra i Harani,


Bukeye bg’aho, asanga abarwana, ageza kubatātūra, ati Yemwe bagabo, mur’ umuryango umwe, n’iki gitumye mugiriranira nabi?


None rero, ico twovuga yuko Aburahamu sogokuruza ku mubiri yaronse n’igiki?


Kandi si co gusa, ariko na Rebeka, igihe yar’ amaze gusama inda y’umugabo umwe, Isaka sogokuruza,


ariko kuri twebge har’ Imana imwe, Data wa twese, yandurukwamwo na vyose, natwe twabesherejweho kuba abayo: kandi har’ Umwami umwe, ni Yesu Kristo, abeshaho vyose, natwe akatubeshaho.


Maze mwiyambuye ibinyoma, umuntu wese avugane ivy’ ukuri na mugenzi we, kuko tur’ ingingo za bagenzi bacu.


n’Imana imwe, ni yo Data wa twese, asumba bose, akoresha bose, ari muri bose.


ng’umuntu wese ntarenge ibikwiye, kandi ntagunge mwene Data wundi kur’ ivyo, kuk’ Umwami wacu ar’ umuhōzi kur’ ivyo vyose, nk’uko twababūriye tubishimikiye.


Kandi twari dufise ba data b’imibiri, bāradukāngīra, natwe tukabubaha: none ntituzorushiriza cane kugororokera Se w’impwemu tugahoraho?


Bukeye njana sogokuruza wanyu Aburahamu, ndamukūra hakurya y’urwo ruzi, mmugēndūza igihugu cose c’i Kanani, mmuha kurondoka; mmuha Isaka,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ