uku ni k’Uhoraho agize, uwakuremye akakubumba uhereye ukiri mu nda, kand’ ari we azogutabara: ati Ntutinye, yewe Yakobo musavyi wanje, yewe Yeshuruni uwo natoranije.
Kuko wewe uri Data wa twese, naho Aburahamu atatuzi, kandi na Isirayeli ntatwemere: wewe ubgawe, Uhoraho, ni wewe Data; Umucunguzi wacu ni ryo zina ryawe uhereye kera hose.
Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?
Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana: kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima, muti Ko dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.
Na we aramwishura, ati Yemwe bene Data kandi ba data, ni mwumve: Imana y’icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ar’ i Mesopotamiya, ataraja kugerēra i Harani,
ariko kuri twebge har’ Imana imwe, Data wa twese, yandurukwamwo na vyose, natwe twabesherejweho kuba abayo: kandi har’ Umwami umwe, ni Yesu Kristo, abeshaho vyose, natwe akatubeshaho.