Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.
Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami wacu, no ku gikombe c’abadayimoni: ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni.
Ariko ni hagira ikigira agasembga, ari nko gucumbagira canke guhuma, cank’ akandi gasembga kabi ak’ ari ko kose, ntimuze mugishikanire Uhoraho Imana yanyu kw ikimazi.