Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ni kuko mwashikanye ivyo kurya bihumanye ku gicaniro canje. Maze mukavuga, muti Twaguhumanishije iki? Ni kuko mwavuze yukw ameza y’Uhoraho ar’ igikēngēretse.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 1:7
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igicaniro car’ ikibazano; uburebure bg’igihagararo bgaco bgar’ amatambge atatu y’ukuboko uciriye mu nkokora, n’uburebure bg’ amakika bgar’ amatambge abiri; inkokora zaco no mu ntebe haco n’imbavu zaco, hose car’ ikibazano: maz’ arambarira, at’ Aya ni yo meza ar’ imbere y’Uhoraho.


bazokwinjira ahēra hanje, bēgēre ameza yanje, kugira ngo bankorere, bazigame ivyo nabajeje.


Ntihaze hagire ishikanwa ryakozwe mw ifu munshikanira ryacumbanywe n’umwambiro: kuko mudakwiye kugira umwambiro cank’ ubūki mwosa ngo bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro munshikaniye.


Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.


Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.


Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa nshikaniwe jewe Uhoraho, zitōngōrwa n’umuriro.


Ariko mweho murarihumanya, kuko muvuga, mut’ Ameza y’Uhoraho aranduye, kandi n’ivyo aduhēra kuri yo vy’ivyo kurya n’ibikēngēretse.


Ikindi muvuga, mut’ Ewe miruho turimwo! kandi muravyimyoza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kandi muzana ico munyaze, n’igicumbagira n’ikirwaye: uko ni ko muzana amashikanwa. Mbega ben’ ayo mashikanwa noyemera? ni k’Uhoraho abaza.


Ereg’ iyo mutanze impumyi kw ikimazi, mugira ngo Nta co biriko! N’iyo mutanze iyicumbagira n’iyirwaye, na ho nyene ngo Nta co biriko! Genda uyishikanire icēgēra c’umwami: mbeg’ ubgo yogushimira, canke yokwemera n’uko mubonana? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.


Ntimushobora kunywera ku gikombe c’Umwami wacu, no ku gikombe c’abadayimoni: ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu n’ivyo ku meza y’abadayimoni.


Ariko ni hagira ikigira agasembga, ari nko gucumbagira canke guhuma, cank’ akandi gasembga kabi ak’ ari ko kose, ntimuze mugishikanire Uhoraho Imana yanyu kw ikimazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ