Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 1:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 1:6
52 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nk’ukw amaso y’abashumba bayahanga ukuboko kwa shebuja, Kandi nk’ukw amaso y’incoreke iyahanga ukuboko kwa inabuja, Ni kw amaso yacu tuyahanga Uhoraho, Imana yacu, Gushitsa ah’ azotugirira ikigongwe.


Wubahe so na nyoko, kugira ng’urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha.


Abuzukuru ni bo gitsibo c’ abatāma, Kand’ icubahiro c’abana ni ba se.


Har’ urunganwe rw’abantu batuka ba se, Ntibahezagire ba nyina.


Ijisho ry’ūcokora se, Kwumvira nyina akabikēngēra, Ibikōna vyo mu mwonga bizorinogora, Ibinyakabaka bizorirya.


Ni mwumve, mwa majuru, tega amatwi, wa si we, kuk’ Uhoraho abivuze: ati Narakujije abana, ndabarera, maze barampinduka.


Ntiwanzaniye imyagazi y’ibimazi vyawe vyo kwosa, kandi ntiwanyubahishije ibimazi vyawe. Sinakugoje kunshikanira amashikanwa, sinakuruhishije imibavu.


Azobona ibara, ūbaza se, at’ Ubgo wotera inda? akabaza nyina, at’ Ubgo wotwara inda?


Kandi nta n’umwe yambaza izina ryawe, nta wuruha yinanata ngo yimatanye nawe; kuko waduhishije mu nyonga hawe, ukaduhebera mu bigabitanyo vyacu.


Ariko noneho, Uhoraho, uri Data wa twese; tur’ ibumba, nawe ur’ umubumvyi wacu; twese tur’ igikorwa c’ intoke zawe.


Kuko ba kamenyi n’abaherezi ar’ ibihumane; mbere no mu ngoro yanje nabonye ivyaha vyabo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Mbe ntiwoca uhēra ubu ukantakambira, uti Muvyeyi wanje, ni wewe wandōngōra mu buto bganje?


Bazoza barira, kandi nzobarōngōra banyinginga, nzobacisha i ruhande y’inzūzi zuzuye, mu nzira igororotse aho batazotsitara; kuko Isirayeli namubereye se, Efurayimu n’imfura yanje.


Bene Yonadabu wa Rekabu ko bāshikije iragi rya sekuruza yabasigaranye, arik’ ubu bgoko bgo ntibgānyumviye;


Abaherezi baho bishe ivyagezwe vyanje ku manyama, bazirūye ivyera vyanje: ntibashize itandukaniro hagati y’ivyera n’ibitar’ ivyera, canke ngo bamenyeshe abantu uko bakwiye gutandukanya ibihumanye n’ibidahumanye, kandi n’amasabato yanje barayirengagije; nuko nsigaye nkēngēretse muri bo.


Efurayimu aravuga, ati N’ukuri nd’umukire, nironkeye ubutunzi: mu bucurumbe bganje bgose ntibazombonakw ikibi na kimwe cokwitwa icaha.


Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.


Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.


Umuntu wese muri mwebge aze yubahe nyina na se, kandi muze mwitondere amasabato yanje: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Abavugishwa bawo n’ibihuruduka kandi n’abaryarukanyi; abaherezi bawo bahumanije ahēra, kandi bishe ivyagezwe ku manyama.


Nuko rero mwa baherezi mwe, iri bgirizwa ni mwebge ndaribgirije.


Mbega twese ntidusangiye Data? Imana yaturemye s’imwe? None n’iki gituma turyarukana, umuntu wese aryaruka mwene wabo, tukica isezerano ryasezeraniwe ba sogokuruza?


Ariko mweho mwarakebeje muta inzira; mutsitaje benshi mu vy’ivyagezwe; mwononye isezerano rya Lewi, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Kukw Imana yavuze, iti Wubahe so na nyoko; kand’ it’ Ūtutse se canke nyina ntaz’ abure kwicwa.


ntiyubahe se canke nyina. None mwatītūye ijambo ry’Imana kubg’ imigenzo yanyu.


wubahe so na nyoko, kand’ ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.


Nuko musenge murtya, muti Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe,


Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ ūkora ivyo Data wo mw ijuru agomba.


K’uzi ivyagezwe, ngo Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukāgirize abandi ibinyoma, ntukagunge, wubahe so na nyoko.


Kuko Mose yavuze, ati Wubahe so na nyoko: kand’ at’ Ūtutse se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa.


Maz’ uwo agomvye kwiyerekana nk’ūgororotse, abaza Yesu, ati Mbega mugenzanje ni nde?


K’uzi ivyagezwe, ngo Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukāgirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko.


Mugire imbabazi, nk’uko So agira imbabazi.


Kandi munyitira iki Mwami, Mwami; ntimukore ivyo mvuga?


Wubahe so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’ isezerano,


no mu bugaragwa, aho Uhoraho Imana yanyu yagenda abaterura nk’ uko mubizi, nk’uk’ umugabo aterura umwana wiwe, mu rugendo mwagenze rwose, nti Gushitsa aho mwashikiye aha hantu.


Mbeg’ iyo ni yo ngero mushubije Uhoraho, Mwa bantu b’ibipfu b’imburabgenge? Si we Muvyeyi wanyu yabaremye, Akababumba, akabakomeza?


Wubahe so na nyoko, nk’ uko jewe Uhoraho Imana yawe nabikugeze, kugira ng’ urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha, uhamererwe neza.


Kandi kw Iyo mwambaza muyita So ari yo icira umuntu wese urubanza rukwiranye n’ivyo yakoze itarobanuye ku cubahiro, mumare igihe co kuba inyambukīra mutinya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ