Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 1:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kand’ amaso yanyu azovyibonera, namwe muvuge, mut’ Uhoraho arahambaye no hirya y’urugabano rw’i Bgisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 1:5
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ni co catumye uburake bg’Uhoraho buza ku Bayuda no ku b’i Yerusalemu, akabatanga ngo babe akūmiza n’akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, nk’uko namwe muvyibonera n’amaso yanyu.


maz’ uzotera abantu banje b’Abisirayeli, umeze nk’ igipfungu cubikije mu gihugu: maze mu misi y’iherezo nzokugomora utere igihugu canje, kugira ngw amahanga az’ amenye ico ndi co, igihe nzokwiyerekanira kuri wewe imbere yabo ko nd’ Uwera, ewe Gogi!


Uko ni ko nzogaragaza icubahiro canje, niyerekane ko nd’ Uwera, kandi nzokwimenyekanisha mu maso y’ amahanga menshi; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Ni ho ababa mu bisagara vy’i Bgisirayeli bazosokoroka, ivyo birwanishwa babigire inkwi z’umuriro, bacane inkinzo nto‐nto na nini‐nini, n’imiheto n’imyampi, n’amacumu y’inzunga n’amatabura, babigire inkwi z’ umuriro kumara imyaka ndwi:


Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi.


Amaso yanyu yiboneye ivyo vyose bihambaye Uhoraho yakoze.


Amaso yanyu yiboneye ivyo Uhoraho yakoze kubga Bayali y’i Peyori; kuk’ Uhoraho Imana yanyu yaranduye abantu bose bākurikiye Bayali y’i Peyori, akabakūra hagati muri mwebge.


Maze bantakambiye jewe Uhoraho, nshira umwiza hagati yabo n’Abanyegiputa, ndaheza mbateranirizakw ikiyaga, kirabarengera. Kand’ amaso yanyu yiboneye ivyo nakoze muri Egiputa; maze mumara igihe kirekire mu bugaragwa.


Nuko none hagarara murābe ikintu gihambaye Uhoraho agira akorere imbere yanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ