Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Naho Edomu yavuga, ati Dutsinzwe hasi, ariko tuzosubira kwubaka ahāsanganguwe; uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazokwubaka, ariko nanje nzosambura. Abantu bazobīta intāra y’ibigabitanyo, babīte n’ubgoko Uhoraho yama arakiye ibihe bidashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 1:4
37 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Rāba, irasambura, ntihasubire kwubakika; Yugarana umuntu, ntihashobore kwuguruka.


Iy’ itanze impore, ni nde yoyitsindisha? Iy’ itwikiriye mu nyonga hayo, ni nde yoshobora kuyibona? Ukw izigama ihanga ryose, ni kw izigama n’umuntu umwe;


N’inyabgenge mu mutima, n’inyabushobozi mu nkomezi: Ni nde yayikomantajek’ umutima, akaroranirwa?


Uhoraho iy’ atari we yubaka inzu Abayubaka baba baruhira ubusa. Uhoraho iy’ atari we azigama igisagara Umuteramyi abera maso ubusa.


Uhoraho, ibuka Abanyedomu Ivyo bagize wa musi w’i Yerusalemu; Ni bo bavuze, bati Ni muhasangangure, ni muhasangangure, Mushitse no kw itanguriro ryaho.


Uhoraho ahindura ubusa imigabo y’amahanga, Atuma ivyiyumviro vy’amoko bipfa ubusa.


Ubgenge cank’ ukumenya Cank’ inama, biba ar’ ubusa imbere y’Uhoraho.


Nta gisigaye atar’ ugucishwa bugufi mu mbohe, canke guhindikiranywa mu bishwe. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Bazohwikira Abafilisitiya b’i burengerazuba, babagwe ku gakanu, bazokwifatanya banyage ab’i burasirazuba; bazorāmvura ukuboko bacakire Abanyedomu n’Abanyamowabu; Abamoni bazobayoboka.


Ntikizozimwa ku murango no mw ijoro, umwotsi waco uzopfunduka ibihe bidashira; kizohora ar’ amatongo uk’ urunganwe rwabo ruzogenda rukurikirana: kandi nta wuzogicamwo gushitsa ibihe bitazoshira.


Kukw inkota yanje inyoye mw ijuru igahāga; non’ igira igwe ku Banyedomu, no ku bantu navumye, ngw ibahane.


Kandi hazoba ivyizigiro vyo mw iherezo ryawe, ni k’Uhoraho agize; abana bawe bazosubira kugaruka mu gihugu cabo bgite.


Nuko rero ni mwumve inama Uhoraho yarunduye kuri Edomu, n’imigabo yagabiye y’ivyo azogirira ababa i Temani: ati N’ukuri bazobakwega nk’imyagazi yo mu mukuku; n’ukuri azobagesezanya n’aho baba.


Ku vya Edomu. Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mbeg’ ubgenge nta bukiriho i Temani? Mbeg’ inama yabuze mu bahanga? Mbeg’ ubgenge bgabo bgakamanganye?


Muhunge, musubire inyuma, muje kuba ahigobetse, yemwe ababa i Dedani; kuko nzoshitsa ivyago kuri Esau, mu gihe nzomūzira.


Bazorya ivyimburwa vyanyu n’ivyo kurya vyanyu, ivyo abahungu banyu n’abakobga banyu boriye; bazorya imikuku yanyu n’amasho yanyu; bazorya imizabibu yanyu n’imisukoni yanyu; kand’ ibisagara vyanyu vyubakiwe inzitiro, ivyo mwishimira, bazobisanganguza inkota.


Ni nde yovuga ikintu, kikaboneka, kand’ Umwami Imana atari we yabigeze?


Muzoririkwa n’inkota; nzobacira urubanza ndi mu rugabano rw’i Bgisirayeli: namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


nuko rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Nzobangurira ukuboko kwanje ku Banyedomu, mbaranduremw’ abantu n’ibitungano; kandi nzohahindura amatongo uhereye i Temani, baririkwe n’inkota gushitsa n’i Dedani.


Abanyedomu nzobīhōra ntumye abantu banje b’ Abisirayeli; bazogirira Abanyedomu nk’uk’ uburake n’inzigo mbafitiye biri: maze bazomenya ukwīhōra kwanje ic’ ari co, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kandi nzoguhindura urutare rugaragara: uzosigara ur’ aho kwanikira insenga; ntuzosubira kwubakwa ukundi: kuko jewe Uhoraho mbivuze, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ibisagara vyawe nzobigira imisaka, nawe usigare ur’ amatongo; maz’ uzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Nzoguhindura amatongo ibihe bidashira, kand’ ibisagara vyawe ntibizosubira kugira ababibamwo: maze muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Edomu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko yakinagije mwene nyina n’inkota, akamiriranya icitwa imbabazi cose, uburake bgiwe ntibuhengeshanye kurandamurana, akabīka akazīka ibihe vyose.


Nzosangangura inzu yo kubamwo mu gihe c’ imbeho hamwe n’iyo kubamwo mu gihe c’ubushuhe; kand’ amazu asharijwe n’amahembe y’inzovu azokomvomvorwa, amazu menshi azohenebēra, ni k’Uhoraho agize.


Nuko rero, ko mwasiribanze umurushwa, mukamutoza utugano twiwe; amazu mwiyubakishirije amabuye abajwe, ntimuzoyabamwo; imirima myiza y’imizabibu mwateye, ntimuzonywa vino zayo.


Kukw ehe rāba, Uhoraho aragera, bikaba: inzu nini igacikamw’ ibihengeri, n’inzu ntoya igacika ubunywenywe.


Enda ni mugende, mushike i Kaline murābe; muvuyeyo muje i Hamati, ca gisagara gikomeye; muheze mumanuke muje i Gati mu Bafilisitiya: mbeg’ ivyo bisagara har’ ico birusha ino mur’ ubu bgami bgompi? Cank’ igihugu cabo kiruta icanyu mu bunini?


Ivyo Obadiya yeretswe. Uku ni k’Umwami Uhoraho agize ku vy’Abanyedomu. Twumvise inkuru zivuye k’Uhoraho, kandi har’ intumwa itumwe ku mahanga, ngo Ni muhaguruke, natwe nyene dukūre hasi, tubatere, tuje mu ntambara.


Kubg’ inabi wagiriye mwene nyoko Yakobo uzomāramāra, uzorandurwa uheneberezwe.


Esau na we naramwanse, mpindura imisozi yiwe amatongo, ishamvu yiwe ndayiha imbgebge zo mu bugaragwa.


Ūtamperereyeko n’umwansi wanje, kand’ ūdasukiranya nanje arasanzaza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ