Nuko rero ni mwumve inama Uhoraho yarunduye kuri Edomu, n’imigabo yagabiye y’ivyo azogirira ababa i Temani: ati N’ukuri bazobakwega nk’imyagazi yo mu mukuku; n’ukuri azobagesezanya n’aho baba.
Ku vya Edomu. Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mbeg’ ubgenge nta bukiriho i Temani? Mbeg’ inama yabuze mu bahanga? Mbeg’ ubgenge bgabo bgakamanganye?
at’ Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.