Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Esau na we naramwanse, mpindura imisozi yiwe amatongo, ishamvu yiwe ndayiha imbgebge zo mu bugaragwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 1:3
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho aramwishura, at’ Inda yawe irimw’ amahanga abiri, Amoko abiri azokwitandukanya uhereye bakiva mu bura bgawe: Ubgoko bumwe buzorusha ubundi inkomezi, Kandi Bukuru azoshumbira Butoyi.


Kand’ umusenyi uhiye uburimbi uzohinduka ibidengeri, n’ahagataye hazocika amasōko: mu bgishinzo bg’imbgebge, aho zāgandagaza, hazemera ivyatsi n’amarenga n’ imibere.


Ni ko nanje Esau namusize amēnya, natwikuruye ahinyegeje hiwe ngo ntāshobore kwinyegeza: uruvyaro rwiwe n’abo bavukana n’ababanyi biwe barageseye, na we ubgiwe ntakiriho.


Nuko rero ni mwumve inama Uhoraho yarunduye kuri Edomu, n’imigabo yagabiye y’ivyo azogirira ababa i Temani: ati N’ukuri bazobakwega nk’imyagazi yo mu mukuku; n’ukuri azobagesezanya n’aho baba.


Kand’ i Hazori hazoba i wabo w’imbgebge, n’ibitongozi vy’ibihe bidashira: nta muntu azobayo, cank’ umwana w’umuntu azoba akihaba.


Ku vya Edomu. Uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mbeg’ ubgenge nta bukiriho i Temani? Mbeg’ inama yabuze mu bahanga? Mbeg’ ubgenge bgabo bgakamanganye?


Muhunge, musubire inyuma, muje kuba ahigobetse, yemwe ababa i Dedani; kuko nzoshitsa ivyago kuri Esau, mu gihe nzomūzira.


Kand’ i Babuloni hazocika ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge, n’akajoreza, n’ico kuvuzwakw agahwa, ata wukihaba.


Kand’ i Yerusalemu nzohahindura ibirundo vy’amasakamburira, n’i wabo w’imbgebge; kandi n’ibisagara vy’i Buyuda nzobihindura amatongo, ata wukihaba.


Igihano c’ukugabitanya kwawe kirarangiye, weho mukobga, Siyoni we; Ntazokwongera kukujana kure ur’ inyagano: Ariko wewe mukobga, Edomu we, azoguhanira ibigabitanyo vyawe; Azogaragaza ivyaha vyawe.


ni co gitumye mbimanikiye ukuboko nkarahira, ni jewe Umwami Uhoraho mbivuze, nti N’ukuri, ayo mahanga nyene abakikije, na yo azomāramāzwa.


Ehe mpagaze mu ruhande rwanyu, ngira mbahindukirire, kandi muzorimwa mubibgeko.


Egiputa hazocika amatongo, na Edomu hazohinduka ubugaragwa bg’uruharabuga, bazize inabi bagiriye Abayuda, kuko mu bihugu vyabo bahavishirije amaraso y’abatācumuye.


Kubg’ inabi wagiriye mwene nyoko Yakobo uzomāramāra, uzorandurwa uheneberezwe.


at’ Umuntu ni yaza kuri jewe, ntiyanke se, na nyina, n’umugore wiwe, n’abana biwe, na bene nyina, na bashiki biwe, mbere n’amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ