Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Narabakunze, ni k’Uhoraho agize. Yamara muravuga, muti Wadukunze mu biki? Mbega Esau ntiyari mukuru wa Yakobo? ni k’Uhoraho abaza; ariko rero nakunze Yakobo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 1:2
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho aramwishura, at’ Inda yawe irimw’ amahanga abiri, Amoko abiri azokwitandukanya uhereye bakiva mu bura bgawe: Ubgoko bumwe buzorusha ubundi inkomezi, Kandi Bukuru azoshumbira Butoyi.


Bukuru avuka ar’ inzobe y’umuyugubge, yar’akatse wese nk’impuzu y’ivyoya, bamwita Esau.


Hakurikira Butoyi, afashe igitsintsiri ca Esau; bamwita Yakobo; kandi Isaka yar’amaze imyaka mirongwitandatu, igihe bāvuka.


Isaka aca ahinda agashitsi kenshi cane, ati None ni nde yahīze, akanzanira kuri vyo, nkaba nariye, kuri vyose utaraza, nkamuhezagira? Kandi nta kabuza, umuhezagiro azowugira.


irambarira, it’ Ehe nzokurondora, nkugwize, nguhindure igugu ry’amahanga; kand’ iki gihugu nzogiha uruvyaro rwawe ruzogukurikira, kibe ishamvu yarwo ibihe vyose.


Uhoraho Imana yawe ahimbazwe, yagushimye akagushira ku ngoma mu Bisirayeli. Kuk’ Uhoraho yakunze Abisirayeli uhereye kera hose, ni co catumye akwimika, kugira ng’uce izibereye n’iziroranye.


Yehoramu arongera aramubaza, uti Muzodūgana iyihe nzira? Aramwishura, uti Muzojana inzira ica mu bugaragwa bg’Abanyedomu.


Kuko wabaye uw’ igiciro kinini mu nyonga zanje, n’umwubahwa, nanje nkagukunda, ni co gitumye nzoheba abantu kubgawe, n’amahanga kubg’ ubugingo bgawe.


Uriya ni nde aturutse muri Edomu, i Bosira, yambaye imyambaro y’agahama, yambaye impuzu zikayangana, araramanga ari n’inkomezi nyinshi? Ni jewe mvuga mu bugororotsi, umunyabushobozi bgo gukiza.


Yemwe runganwe rw’iki gihe, ni murābe ijambo ryanje, jewe Uhoraho. Mbeg’ Abisirayeli nababereye ubugaragwa? Canke se nababereye igihugu c’umwiza w’umuzitanya? N’iki gituma abantu banje bavuga, bati Turidohoye: ntitukigomba kukugarukako?


uku ni k’Uhoraho agize, ati N’ibigabitanyo ki ba sogokuruza banyu bānsanganye, ko bāngiye kure, bagakurikira ibitagira ikimazi, na bo ubgabo bagahinduka imburakimazi?


Uhoraho yanyiyeretse kera, ati N’ukuri naragukunze urukundo rudashira; ni co gituma nkwiyegerezanya imbabazi.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’i Edomu, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko yakinagije mwene nyina n’inkota, akamiriranya icitwa imbabazi cose, uburake bgiwe ntibuhengeshanye kurandamurana, akabīka akazīka ibihe vyose.


Uhoraho mwaramurambiye n’amagambo yanyu; yamara muravuga, muti Twamurambiye dute? Ni kuko muvuga yuk’ umuntu wese akora ivyaha ari mwiza imbere y’Uhoraho, ngo Kand’ aramuhimbara; canke ngw Imana ica imanza iri hehe?


Maz’ uwo agomvye kwiyerekana nk’ūgororotse, abaza Yesu, ati Mbega mugenzanje ni nde?


Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk’uko nabakunze.


Ariko rero, Uhoraho yarangirije umutima kuri ba sogokuruza, arabakunda, atoranya n’uruvyaro rwabo ruzoza hanyuma, ni rwo mwebge, abasumbisha ayandi mahanga yose, nk’uko biri na bugingo n’ubu.


Yamar’ Uhoraho Imana yanyu yanka kwumvira Balamu, arik’ uwo muvumo Uhoraho Imana yanyu awubahindurira umugisha, kuko yabakunda.


N’ivy’ ukuri arakunda amahanga, Abera biwe bose bari mu kuboko kwiwe, Bicaye hambavu y’ibirenge vyiwe, Umuntu wese yumva amajambo yiwe.


Kandi kuko yakunda ba sogokuruza banyu, ni co catumye atoranya uruvyaro rwabo, we ubgiwe akabakūra muri Egiputa, abakūjey’ ubushobozi bgiwe buhambaye,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ