Isaka aca ahinda agashitsi kenshi cane, ati None ni nde yahīze, akanzanira kuri vyo, nkaba nariye, kuri vyose utaraza, nkamuhezagira? Kandi nta kabuza, umuhezagiro azowugira.
Uriya ni nde aturutse muri Edomu, i Bosira, yambaye imyambaro y’agahama, yambaye impuzu zikayangana, araramanga ari n’inkomezi nyinshi? Ni jewe mvuga mu bugororotsi, umunyabushobozi bgo gukiza.
uku ni k’Uhoraho agize, ati N’ibigabitanyo ki ba sogokuruza banyu bānsanganye, ko bāngiye kure, bagakurikira ibitagira ikimazi, na bo ubgabo bagahinduka imburakimazi?