Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Malaki 1:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Icompa hakagira n’umwe muri mwebge yugara inzugi, ngo mureke gucanira ubusa ku gicaniro canje! Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Malaki 1:10
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko kurinda ushitsa mu mwaka ugira mirongwibiri na gatatu umwami Yowasi ari ku ngoma, abo baherezi ntibāribgasanure ah’ iyo ngoro yasambutse.


Ikimazi abanyakibi batanga n’ igisesema k’Uhoraho, Arikw ahimbarwa n’ugusenga kw’abagororotsi.


Uku ni k’Uhoraho abarira ubu bgoko, at’ Ivyo bakunda n’ ukuyerera; ntibābujije ibirenge vyabo: ni co gituma Uhoraho atabemera; n’ubu yibuka ibigabitanyo vyabo, kand’ arabagīriye kubg’ ivyaha vyabo.


Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.


Kuk’ uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye, umuntu wese yifuza inyungu mbi; kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.


Bimaze iki kunkūrira ibintu bimoga i Sheba, na kanehe imota neza ivuye mu gihugu ca kure? Ibimazi vyanyu vyoswa simbishima, kand’ ivyo mukerera ntibimpimbara.


Ni co gitumye abagore babo nzobaha abandi, n’amatongo yabo nkazoyaha abandi bakayegukira: kuk’ umuntu wese, uhereye kuri nyarucari muri bo ugashitsa no k’ūhambaye wo muri bo, yifuza inyungu mbi: kand’ uhereye kuri ba kamenyi ugashitsa no ku baherezi, umuntu wese aragunga.


Bazojana imikuku yabo n’amasho yabo baja kurondera Uhoraho, ariko ntibazomubona! Azoba yitandukanije na bo.


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Ikindi muvuga, mut’ Ewe miruho turimwo! kandi muravyimyoza, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize; kandi muzana ico munyaze, n’igicumbagira n’ikirwaye: uko ni ko muzana amashikanwa. Mbega ben’ ayo mashikanwa noyemera? ni k’Uhoraho abaza.


Ūkora ben’ ivyo, Uhoraho azomurandura mu mahema ya Yakobo, ar’ umuteramyi, ar’ uwitaba, ar’ ūshikanira Uhoraho Nyen’ ingabo ishikanwa.


Kand’ ikigeretseko mukora, mutotesha igicaniro c’Uhoraho amosozi, mwīriza, musuhuza imitima, bigatuma atanakibabaye amashikanwa yanyu, ngw ayākīre ayemeye.


Arik’ umucangero, atar’ umwungere bgite, kand’ intama atar’ iziwe, iy’ abonye ibingira rije, ata intama, agahunga: ibingira rikazisahura, rikazishwiragiza.


Ntimuzi yukw abakora ibikorwa vy’ivyera barya ivy’ urusengero, kand’ abakora ivy’ igicaniro basangira n’igicaniro?


Kuko bose barondera ivyabo, batarondera ivya Yesu Kristo.


Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera, Na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje.


Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ