Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 9:51 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

51 Maz’ imisi yiwe yo kudūzwa mw ijuru igira ishike, yerekeza i Yerusalemu amaramaje kujayo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

51 Igihe ciwe co kuduzwa mw’ijuru cegereje, Yesu afata ingingo yo kuja i Yerusalemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 9:51
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma bakiriko baragenda bayāga, bagize bartya, umukogote w’umuriro n’amafarasi y’umuriro birabatandukanya; Eliya adūganwa mw ijuru n’agashururu.


Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana.


Ndi n’umubatizo, uwo nkwiye kubatizwa; emwe uko mbabazwa kugeza ah’ uzoherera!


Ari mu nzira, ahita mu bisagara no mu mihana, yigisha, ari ku rugendo aja i Yerusalemu.


Maze bari mu nzira baja i Yerusalemu, aca hagati y’i Samariya n’i Galilaya.


Yihererana bamwe cumi na babiri, arababgira, at’ Ehe turadūze i Yerusalemu, kand’ ivyanditswe n’abāvugishwa n’Imana vyose bizoshika ku Mwana w’umuntu.


Bakiriko barumva ivyo, avyongerak’ umugani, kuko yari hafi y’i Yerusalemu, kandi kuko biyumvira yuk’ ubgami bg’Imana bugira buboneke uwo mwanya;


Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aja imbere, adūga aja i Yerusalemu.


Akibahezagira, atandukanywa na bo, adūzwa mw ijuru.


Bariko baragenda mu nzira, umuntu aramubgira, ati Ndagukurikira ah’ uja hose.


Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye kw igihe ciwe gishitse co kuva mw isi ngw aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.


Navuye kwa Data, nza mw isi; ikindi, isi ndiko ndayivamwo, nje kwa Data.


None ngira ngende ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebge arushe ambaza at’ Uja hehe?


Sinkiri mw isi, ariko bo bari mw isi, nanje ndaje kuri wewe. Data wera, ubazigamire mw izina ryawe wampaye, ngo babe umwe nk’uko natwe turi.


None bizomera bite ni mwabona Umwana w’umuntu adūga aja iyo yahora ubga mbere?


gushitsa ku musi yadūgijwe mw ijuru, ahejeje kugerera intumwa muri Mpwemu Yera, zimwe yatoranije.


Amaze kuvuga artyo, adūzwa babona, igicu kimukūra mu maso yabo.


ukwo yakoreye muri Kristo, hamwe yamuzura mu bapfuye, ikamuvyagiza i buryo bgayo ahantu ho mw ijuru,


mbandaniriza gushika aho dutanguranirwa, ku mpēra y’umuhamagaro w’Imana muri Kristo Yesu wo kuja mw ijuru.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


aho Yesu yatwinjiriye, atwitangiye imbere, amaze guhinduka umuherezi mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bga Melekisedeki.


ar’i buryo bg’Imana, kuko yagiye mw ijuru, amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ