Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 9:47 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Ariko Yesu abonye ivyo bihāri vyo mu mitima yabo, yābīra akana, agahagarika i ruhande yiwe,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Yesu amenye ivyo bariko bariyumvira mu mitima, aca ahamagara umwana mutoya amuhagarika i ruhande yiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 9:47
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Urazi iyicara ryanje n’īva hasi ryanje, Umenyera kure ivyo niyumvira.


Mana, nsuzuma, umenye umutima wanje, N’uncace, umenye ivyiyumviro vyanje,


Ni jewe Uhoraho nsesa umutima, nkagerageza umushaha, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyeze.


Yesu abimenye, arahava. Benshi baramukurikira, abakiza bose.


Yesu amenye ivyo biyumvira arababaza, ati N’iki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu?


Maze Yesu, amenye ivyo bibūranya, arababaza, ati Mwibūranya ibiki mu mitima yanyu?


Ubuho tumenye k’uzi vyose, kandi ko kubgawe utarinda ko hogira ūkubaza; ni co gituma twizera ko waturutse ku Mana.


ntiyarinda ko hogira ūshingira intahe ivy’ umuntu, kuk’ ubgiwe yar’ azi ibiri mu muntu.


Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje.


Bene Data, ntimube abana mu bgenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bgenge mube abagabo.


Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ