Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 9:39 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 kandi har’ impwemu imufata, agatura akaborogo, ikamujegeza, akabimba ifuro, kand’ ihejeje kumukungagura ikagora cane kumuvamwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Impwemu mbi imufashe, aca atangura gukoma induru, hanyuma ikamujegeza, agaca abimba ifuro mu kanwa. Iramubabaza cane kandi imurekura bigoranye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 9:39
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ah’ imufatiye hose, imutūra hasi, akabimba ifuro, akazyegenya amenyo, akagenda ashira umunywera; mbarira abigishwa bawe ngo bayisende, irabananira.


Baramuzana. Iyo mpwemu imubonye ica iramujegeza cane, aratemba, arigaragura, abimba ifuro.


Irataka, iramujegeza cane, imuvamwo, amera nk’ūhwereye, bituma abenshi bavuga bat’ Arahwereye.


Yesu aramuzibiza, ati Hora, muvemwo. Dayimoni amutūye hasi hagati yabo, amuvamwo, atagize ico amugira.


Kuko yar’ abariye iyo mpwemu ihumanye kuva mur’ uwo muntu. Yahora imutera kenshi, kandi bāmubohesha iminyororo ku maboko no ku maguru, bakamurinda, agacagagura ibimuboshe, dayimoni akamukubebera mu bugaragwa.


Kand’ umugabo wo muri bo avuga n’ijwi rirenga, ati Mwigisha ndakwinginze, ndābira umwana, kuko namuvyaye ar’ ikinege,


Nanje ninginze abigishwa bawe kuyisenda, irabananira.


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa.


Zifise umwami wazo, ni we mumarayika w’i kuzimu, mu Giheburayo yitwa Abadoni, mu Kigiriki yitwa Apoluwoni.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ