Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 9:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Arikw arasenga, ishusho yo mu maso hiwe ihinduka ukundi, imyambaro yiwe yera derere, irakayangana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Akiriko arasenga, mu maso hiwe hahinduka ukundi, impuzu ziwe zirakayangana, zica ibibatsi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 9:29
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amaso yawe azokwitegereza umwami afise ubgiza bgiwe: azorāba igihugu kigera kure.


Kuko yakuriye imbere yiwe nk’ikironge, kandi nk’agashami kava mw ivu rigadutse. Ntiyar’ afise ishusho nziza cank’ igikundiro, kand’ aho twamubona ntiyar’ afise ubgiza bgotumye tumwifuza.


Ahinduka ukundi imbere yabo, mu maso hiwe haka nk’izuba, impuzu ziwe zera nk’umuco.


Hanyuma y’ivyo yiyereka babiri muri bo, afise iyindi shusho, bagenda baja mu misozi.


Nukw abantu bose babatijwe, na Yesu ahejeje kubatizwa, arikw arasenga, ijuru rirakinguruka,


Mur’ iyo misi avayo, aja ku musozi gusenga: akesha ijoro asenga Imana.


Maze yarikw arasenga yiherereye, abigishwa biwe bāri kumwe na we; arababaza, at’ Abantu bagira ngo ndi nde?


Abagabo babiri bavugana na we, yari Mose na Eliya,


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Abicaye mw ikombe bose bamuhanze amaso babona mu maso hiwe, hasa n’ah’ umumarayika.


Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ