2 Abatuma kubarira abantu ivy’ ubgami bg’Imana, no gukiza abarwaye:
2 aca abarungika kwigisha ivy’Ubwami bw’Imana no gukiza abarwaye.
Abo cumi na babiri Yesu arabatuma ababarira, ati Ntimuze mujane inzira ija mu banyamahanga, canke mu bisagara vy’Abasamariya.
Uwumva wese ijambo ry’ubgami ntarimenye, wa Mubi araza, agasahura ikibibge mu mutima wiwe. Uwo ni we yabibge i ruhande y’inzira.
Kand’ ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’ umuhero uzoca uza.
ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.
Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abāremwe bose ubutumwa bgiza.
Baragenda, bigisha kw abantu bakwiye kwihana.
Mu nyuma y’ivyo, Umwami Yesu atoranya abandi mirongwirindwi, atuma babiri‐babiri, ngo bagende imbere yiwe mu bisagara vyose n’ahantu hose ah’ agira ace.
muti N’umukungugu wo mu gisagara canyu, ufashe mu birenge vyacu, turawubakunkumuriye: ariko mumenye iki, yuk’ ubgami bg’Imana buri hafi.
mukize abarwaye baho, mubabgire mut’ Ubgami bg’Imana burabēgereye.
Ivyagezwe, bo n’amajambo y’abāvugishwa n’Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana: uhereye ico gihe ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana ni ho bgavugiwe, umuntu wese akabubandanira.
Maz’ ishengero ribimenye riramukurikira: arabākīra, ababgira ivy’ ubgami bg’Imana, kand’ abāgomba kuvūrwa arabakiza.