Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 9:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Maz’ ishengero ribimenye riramukurikira: arabākīra, ababgira ivy’ ubgami bg’Imana, kand’ abāgomba kuvūrwa arabakiza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 ariko abantu barabimenya, baca baramukurikira. Yesu arabakira, aca atangura kubabwira ivy’Ubwami bw’Imana, akiza n’abari bagwaye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 9:11
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


Yesu abimenye, arahava. Benshi baramukurikira, abakiza bose.


Avuye mu bgato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe, abakiriza abarwaye.


None mur’ abo bompi n’uwuhe yakoze ivyo se agomba? Baramwishura, bati N’uwa mbere. Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yukw abatozakori n’abasambanyikazi babatanga kwinjira mu bgami bg’Imana.


Ni co gitumye mbabgira yuk’ ubgami bg’Imana muzobgakwa, bugahabga ihanga ryama imbuto zabgo.


Abashonje yabahāgije ivyiza, Yirukanye abatunzi bagenda imvumure.


Yesu arabishura, at’ Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’ abarwaye.


Hashize igihe gitoya, agendagenda mu bisagara no mu mihana, ababgira ijambo ry’Imana, avuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bgayo; bamwe cumi na babiri bajana na we,


Arababgira, ati Mwebge mwāhawe kumenya amabanga y’ubgami bg’Imana: arikw abasigaye babibarirwa mu migani; ngo barābe, yamara ntibavyitegereze; bumve, yamara ntibabitahure.


Za ntumwa zigarutse zidondera Yesu ivyo zākoze vyose. Arabajana, abīhererana mu gisagara citwa Betsayida.


Umusi ukuze, bamwe cumi na babiri baramwēgēra, bati Sezera abantu, baje mu mihana no mu misozi impande zose bāke indāro, baronke ivyo kurya, kuko hano turi mu gahinga.


Abatuma kubarira abantu ivy’ ubgami bg’Imana, no gukiza abarwaye:


Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Ico Data ampa cose kiranshikīra, kand’ uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya.


akabahanūra mu vy’ubgami bg’Imana, akigisha ivy’ Umwami Yesu Kristo, ashize amanga rwose, ata wumubuza.


None bazokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bazokwizera bate uwo batarumva? Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe?


Nuk’ ukwemera kuva ku kwumva, n’ukwumva kuzanwa n’ijambo rya Kristo.


Kuko na Kristo atinejereje, nk’uko handitswe, ngw Ibitutsi vy’abāgutuka vyaguye kuri jewe.


uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanūre, mu kwihangana kwose no mu kwigisha.


Nuko ni twēgēre intebe y’ubuntu dushize ubgoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bgo kudutabara mu gihe gikwiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ