9 Maz’ abigishwa biwe bamubaza uwo mugani, uw’ ari wo.
9 Abigishwa biwe baca bamubaza insiguro y’uwo mugani.
Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.
Abigishwa baramwēgēra, baramubaza, bati Mbeg’ ikigutera kubigishiriza mu migani n’iki?
Nuko mweho ni mutahure umugani w’umubivyi.
Maz’ asezera ishengero, yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza kuri we, bati Dusobanurire umugani w’urwamfu rwo mu ndimiro.
Petero aramwishura, ati Dusobanurire uwo mugani.
Bīherereye, abāri kumwe na we na bamwe cumi na babiri bamubaza iyo migani;
Kand’ atabaciriye umugani nta co yababgira, ariko yihereranye n’abiwe bigishwa akabibasobanurira vyose.
Sinkibita abashumba, kuk’ umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.