Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 8:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Izindi zigwa mw ivu ryiza, ziramera, zihunda impeke, imwe ijana, iyindi ijana, birtyo birtyo. Avuze ivyo, avuga n’ijwi rirenga, at’ Ūri n’amatwi yumva ni yumve.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko hari izaguye mw’ivu ryiza, zirakura kandi zirama, zimbuka incuro ijana.” Ahejeje kubacira uwo mugani, yongerako ati: “Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 8:8
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Isaka abiba mur’ ico gihugu, mur’ uwo mwaka nyene yimbura ibirenze ivyo yabivye ingero ijana. Uhoraho amuha umugisha.


Ugutwi kwumva n’ijisho ribona Uhoraho ni we yabiremye vyompi.


Mbega Bgenge ntahamagaye? N’ukumenya ntigushize hejuru ijwi ryakwo?


Ni mwumve, mutege amatwi: nta co mugira ubgibone; kuk’ Uhoraho ari we avuze.


Kand’ Uhoraho yabatumyekw abasavyi biwe bose abo yavugisha, yama azindurwa no kubatuma, namwe ntimwumve, canke ngo mutege amatwi ngo mwumvirize;


Uwabibge mw ivu ryiza ni we yumva iryo jambo, akaritahura, uwo ni we rero yama imbuto, umwe akagira ijana, uwundi mirongwitandatu, uwundi mirongwitatu, birtyo birtyo.


Abābibge mw ivu ryiza, abo ni bo bumva iryo jambo bakaryemera, bagahunda impeke, umwe mirongwitatu, uwundi mirongwitandatu, uwundi ijana, birtyo birtyo.


Izindi zigwa mw ivu ryiza, ziramera, zirakura, zihunda impeke, zimwe mirongwitatu, izindi mirongwitandatu, izindi ijana, birtyo birtyo.


Namba har’ ūfise amatwi yumva, ni yumve.]


Nta co umaze mu ndimiro canke mw icukiro: bapfa kuwuta. Ūri n’amatwi yumva ni yumve.


Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.


Izindi zigwa mu mahwa hagati, amahwa amerana na zo, arazinyoha.


Kuko tur’ ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.


kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Umwami wacu, mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose, mugwizwa no kumenya Imana,


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ