6 Izindi zigwa ku rutare, zihejeje kumera zirūma, kuko zibuze ahabomvye.
6 Izindi zigwa ku rutare; zimeze zica ziruma kuko hatari habomvye.
Mbeg’ Uhoraho, inyonga zawe ntizitegereza ivy’ ukuri? Warabakubise, ntibābibabara; warabatūbije, banka guhaha: bākomantaje mu maso habo gusumvya ibuye; banse kugaruka.
Nanje nzobaha umutima umwe, mbashiremw’ impwemu nsha; nzokūra umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yabo, mbahe umutima woroshe nk’inyama;
Kandi nzobaha umutima musha, mbashiremw’ impwemu nsha; nzokūra umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yanyu, mbahe umutima woroshe nk’ inyama.
Mbeg’ amafarasi yokwiruka ku rutare? Canke har’ uwoharimisha inka? Ariko mweho imanza ziroranye mwāzihinduye ibamba, n’imbuto z’ukugororoka mwāzihinduye umururazi,
Abo ku rutare n’aba: iyo bumvise iryo jambo, baryākīrana umunezero, ariko ntibagira imizi, bizera akanya gato, maze mu gihe c’igeragezwa bakarireka.
at’ Umubivyi yasohoye imbuto ziwe; akibiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, barazikandagira, inyoni zo mu kirēre zirazinobagura.
Izindi zigwa mu mahwa hagati, amahwa amerana na zo, arazinyoha.
bikivugwa, ng’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo, Ntimukomantaze imitima yanyu, nk’uko mwayikomantaje mu gihe co kuratsa.