31 Baramwinginga ngo ntababarire kuja i kuzimu.
31 Ba badayimoni binginga Yesu ngo ntabarungike i kuzimu.
Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, wubike ivy’ afise vyose, urābe kw atazokurogotako imbonankubone.
Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, utere amagufa yiwe n’umubiri wiwe, urābe kw atazokurogotako imbonankubone.
Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.
Abonye Yesu arasemerera, amwikubita imbere, avuga n’ijwi rirenga, ati Duhūriye hehe ga Yesu, Mwana w’Imana isumba vyose? Ndakwinginze, ntumbabaze agashinyaguro.
Kandi hār’ umukuku w’ingurube nyinshi zirisha kur’ uwo musozi; baramwinginga ngw abemerere kuzinjiramwo: arabemerera.
cank’ uti Ni nde azomanuka i kuzimu? (risobanurwa ngo kudūgana Kristo, amukūye mu bāpfuye).
Kandi ni baheza gushinga intahe, igikōko kizodūga kivuye i kuzimu, kizobarwanya, kibaneshe, kibice.
Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka.
Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.
Zifise umwami wazo, ni we mumarayika w’i kuzimu, mu Giheburayo yitwa Abadoni, mu Kigiriki yitwa Apoluwoni.