Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 8:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ku musi umwe mur’ iyo atambukira mu bgato, bo n’abigishwa biwe, arababgira, ati Tujabuke, tuje hakurya y’ikiyaga. Baterera ubgato, bava ku nkombe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Umusi umwe Yesu yabariye abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.” Nuko batambukira mu bwato, bafata urugendo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 8:22
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo mwanya agōbēra abigishwa ngo batambukire mu bgato bītangire kujabuka hakurya, abanze gusezera ishengero.


Yesu abonye ishengero ryinshi rimukikije, agera ko bajabuka hakurya.


Nuko Yesu agenda mu bgato, asubira hakurya, ishengero ryinshi rikoranira kuri we; yar’ i ruhande y’ikiyaga.


Uwo mwanya agōbēra abigishwa biwe ngo batambukire mu bgato, bitangire kujabuka hakurya i Betsayida, aheze gusezera rya shengero.


Abasiga hano, yongera gutambukira mu bgato, ajabuka hakurya.


Nukw ishengero ririko riramubanda ryumva ijambo ry’Imana, yar’ ahagaze ku musenyi w’ikiyaga c’i Genesareti.


Bariko baragenda, arasinzira; hamanuka inkūbi y’umuyaga mu kiyaga, ubgato bgariko buruzura amazi, bari mw irinde.


Abadayimoni basokoroka mur’ uno muntu, binjira muri nya ngurube, umukuku wirukira ku gatembge, zīsuka mu kiyaga, amazi araziniga.


Hanyuma y’ivyo Yesu avayo, yīgira hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya citwa Tiberiya.


Dutambukira mu bgato bgāvuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvudukayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ