Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 8:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 n’abagore bamwe bākijijwe impwemu mbi n’indwara, Mariya ari we Magadalene, abadayimoni ndwi bāri baramuvuyemwo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 hamwe n’abagore bakize impwemu mbi n’izindi ngwara, ari bo Mariya Magadalena yirukanywemwo abadayimoni indwi,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 8:2
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bātewe n’indwara zitari zimwe n’ibibasheshereje, n’abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara, n’ibimuga; arabakiza.


Maz’ isabato ishize, Mariya Magadalene, na Mariya nyina wa Yakobo, na Salome bagura ibimota neza, ngo baje kubimusīga.


Yesu amaze kuzuka mu mutwenzi ku wa mbere w’imisi ndwi, abanza kwiyereka Mariya Magadalene, uwo yasenzemw’ abadayimoni ndwi.


Ishengero ry’abantu ryinshi riramukurikira, ririmwo n’abagore bishishitira, bamuborogera.


Abazinanyi na Yesu bose n’abagore bāri bavanye i Galilaya na we bāri bahagaze kure barāba ivyo.


Abagore bāri bavanye na Yesu i Galilaya bakurikira Yosefu, babona iyo mva, n’ingen’ ikiziga ciwe gishizwemwo.


Yesu aramubaza, ati Witwa nde? Aramwishura, ati Ndi Gitero. Kukw abadayimoni benshi bāri baramwinjiyemwo.


Arikw i ruhande y’umusaraba wa Yesu hāri hahagaze nyina na nyinabo na Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalene.


Abo bose bāsenga badahumeka n’umutima uhūye, hamwe n’abagore, na Mariya nyina wa Yesu, na bene nyina.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ