Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 8:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Mwiyubare uburyo mwumva: kuk’ ūfise azohabga, kand’ ūdafise azokwakwa n’ico yiyumvira kw afise.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Nuko rero mwiyubare ku vyo mwumva. Uwufise vyinshi azokwongererezwa, uwufise bike na we azokwakwa n’ivyo yibaza ko afise.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 8:18
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Harih’ inzira umuntu yibgira kw ari nziza, Arikw amaherezo yayo n’ inzira ishikana mu rupfu.


Kuk’ ūfise azohabga, bikamucagatira; arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ asanzwe afise.


Kuk’ ūfise wese azohabga, asesekarizwe: arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ afise.


Ariko, aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bg’ubugesera gihagaze aho kidakwiye, (ūsoma ni yiyubare), ico gihe abazoba bar’ i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire,


Ndababgire, Ūfise wese azohabga, arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ afise.


ati Mushire aya majambo mu matwi yanyu: Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu.


Ishami ryose ryo muri jewe ritāma, arikūraho; kand’ iryama ryose araritūtūrira, ngo rirushirize kwama.


Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse k’uje. None rero twese turi hano imbere y’Imana, kwumva ivy’ Umwami Imana yakugeze kutubgira vyose.


Arikw abo bo bār’ imico myiza kuruta ab’i Tesalonike, kuko bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ ukuri.


Ndabgira umuntu wese muri mwebge, mbgirijwe n’ubuntu nahawe, yoye kwifata ukw atari, yamara yiyumvire yitonze nk’ukw Imana yagereye umuntu wese ukwizera.


Ni hagira umuntu yiyumvira kw ar’ ūvugishwa n’Imana, canke kw ar’ uw’ impwemu, amenye ivyo mbandikiye yukw ar’ icagezwe c’Umwami wacu.


Ntihakagire umuntu yihenda; umuntu wo muri mwebge ni yiyumvira kw ar’ umunyabgenge ku vy’iki gihe, abe igipfu, kugira ngw abone kuba umunyabgenge.


Ni hagira umuntu yiyumvira yuko har’ ic’ azi, azoba ataramenya nk’ukw akwiye kumenya.


naho jewe nokwishimiye ivy’ umubiri. Hogira uwundi wese yokwiyumvira kwishimira ivy’ umubiri, nomurusha.


Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabivako.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ