Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 8:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Arababgira, ati Mwebge mwāhawe kumenya amabanga y’ubgami bg’Imana: arikw abasigaye babibarirwa mu migani; ngo barābe, yamara ntibavyitegereze; bumve, yamara ntibabitahure.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Na we ababwira ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’Imana. Ariko ku bandi nkoresha imigani kugira ngo, ‘naho boraba ntibabone, kandi naho bokwumviriza ntibatahure.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 8:10
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, Azobereka isezerano ryiwe.


Nuko rero ngira nkore igikorwa c’igitangaza mur’ aba bantu, mbere n’igikorwa gitangaje c’akumiza: ubgenge bg’abanyabgenge babo buzoherengetera, n’ ubuhanga bg’abahanga babo buzokamangana.


Nta co bazi, kandi nta co biyumvira, kukw amaso yabo yahumye ngo ntibashobore kubona, n’imitima yabo ngo ntibashobore gutahura.


Arambarira, ati Genda, ubarire ubgo bgoko, uti Kwumva muzokwama mwumva, ariko ntimubitahure; kurāba muzokwama murāba, ariko ntimuvyihweze.


mut’ Enda ni mwumve ibi, mwa bantu b’ibipfu, batagira umutima, bafise amaso ntibabone, bafise n’amatwi ntibumve:


riti Mwana w’ umuntu, uba hagati mu b’inzu y’ abagarariji, bafise amaso yo kubona ariko ntibabona, bafise amatwi yo kwumva ariko ntibumva; kukw ar’ inzu y’abagarariji.


Mur’ ico gihe Yesu aravuga, ati Ndaguhimbaza, Data, Mwami w’ijuru n’isi, kukw ivyo wabihishije abanyabgenge n’abahanga, ukabihishurira inzoya.


Yesu aramwishura, at’ Ur’ umuhirwe, Simoni mwene Yona, kukw ata w’inyama n’amaraso yabiguhishuriye, ariko ni Data wo mw ijuru.


arabishura, ati Mwebge mwahawe ibanga ry’ubgami bg’Imana, arikw abo hanze babarirwa vyose mu migani:


ngo kurāba barābe, yamara ntibavyitegereze; kwumva bavyumve, yamara ntibabitahure; ngo kumbure bohindukira bagaharirwa.


ati Yabahumye amaso, yabakomantaje imitima, Kugira ngo boye kubonesha amaso, no gutahurisha imitima, No guhindukira, Ngo mbakize.


Imana ishobora kubakomeza, nk’uk’ ubutumwa bgiza nahawe n’ukwigisha ivya Yesu Kristo bivuga, bihūra no guhishurwa kw’ ibanga ryahozwe uhereye kera hose,


arikw ivyo vyose uwo Mpwemu umwe ni we abikorera muri bo, agabira umuntu wese ukw agomba.


Arik’ Uhoraho ntiyabaha umutima wo kubitahura, n’amaso yo kuvyitegereza, n’amatwi yo kuvyumva, gushitsa kur’ uyu musi.


kugira ngw imitima yabo ireme, kuko bamatanirijwe mu rukundo ngo bahabge itunga ryose ry’ugutahura ata mazinda, babone kumenya ibanga ry’Imana, ni ryo Kristo,


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ