Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 7:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 ni co catumye niyumvira ko bitambereye ko noza ah’ uri: ariko vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Simbereye no kuza aho uri ngo duhure. Ariko vuga ijambo rimwe gusa, umukozi wanje arakira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 7:7
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arungika ijambo ryiwe, akabakiza indwara, Akabakiza kuja mu vyobo vyabo.


Arababarira, ati Ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mugakora ibitunganye mu nyonga ziwe mukumvira ivyagezwe vyiwe, mukitondera ivyo yihanikirije vyose, ngo Nta ndwara azobateza nk’ izo yateje Abanyegiputa; ngo Kukw ari we Uhoraho, abakiza indwara.


Bose baratangara, bituma babazanya, bat’ Iki n’iki? N’ukwigisha gusha! N’ububasha agera n’impwemu zihumanye na zo, zikamwumvira.


Bose baratangara, barabazanya, bat’ Iryo n’ijambo ki? N’ububasha n’ubushobozi agera impwemu zihumanye zigasohoka.


Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka. Imibembe ica imuvako.


Yesu ajana na bo. Atakiri kure y’inzu, wa mugabisha amutumakw incuti ziwe, ati Mugenzi, nturinde kwigora, kuko bitambereye ko winjira mu nzu yanje:


Kuko nanje nd’umuntu agendera musi y’abanganza, mfise abasoda ntwara: iyo mbariye umwe nti Genda, aragenda; n’uwundi nti Ngwino, akaza; nabarira umushumba wanje nti Kora iki, akagikora.


Nuko rero mumenye yuko jewe, jewe ubganje, ari jewe Mana, Kandi kw ata yindi mana ibangikanye nanje: Ni jewe ntuma umuntu apfa, ni jewe ntuma umuntu abaho; Ni jewe nkomeretsa, ngakiza; Kandi nta woshobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.


Uhoraho ni we atuma umuntu apfa, kandi ni we atuma abaho, Ni we amumanura i kuzimu, kandi ni we amukūrayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ