Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 7:46 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Ntiwansutse amavuta ku mutwe: arik’ uyu ansīze amavuta atāmirana ku birenge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Ntiwansize amavuta ku mutwe, ariko we yansize amavuta amota cane ku birenge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 7:46
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi aca arahaguruka, ava aho yar’ arambaraye hasi, ariyuhagira arirtyorora, yambara iyindi myambaro, araheza aja mu ngoro y’ Uhoraho, arasenga; hanyuma ataha i we; maze yatse ivyo kurya barabimuzanira, arafūngura.


Nuko Yowabu atuma i Tekowa guhamagaza umugore w’ umunyabgenge; aramubarira, ati Ntabara wīgire nk’ūgandaye, wambare nk’ūri ku kigandaro, ntiwīsīge amavuta, arik’ use n’umugore amaze imisi myinshi agandariye uwapfuye.


Na vino inezereza imitima y’abantu, N’amavuta yo kuyagayagisha mu maso habo, Kandi ng’ umutsima uhe imitima y’abantu amagara.


Untegurira ameza mu maso y’abansi banje; Wansīze amavuta mu mutwe; igikombe canje kirasēsekaye.


Imyambaro yawe ni yame yera, kand’ umutwe wawe ntuz’ ubure gusīgwa amavuta.


Nta binōbōye narya, nta nyama canke vino vyangera no mu kanwa kandi sinaruha nīsīga amavuta, gushitsa ah’ ayo mayinga ukw ar’ atatu yose ashiriye.


bakanywesha vino ivyato, bakīsīga amavuta yinjiye; ariko ntibaruha bababazwa n’amazigirizwa y’aba Yosefu.


Uzobiba, ariko ntuzokwimbura; uzokānya elayo, ariko ntuzokwisīga amavuta yayo; ukānye n’imizabibu, ariko ntuzonywa vino yayo.


Ariko weho, ni wisonzesha, wīsīge amavuta mu mutwe, wiyuhagire mu maso,


Iki ni co gitumye nkubgira yukw ahariwe vya vyaha vyiwe vyinshi; kuko yagize urukundo rwinshi: arik’ ūhariwe bike agira urukundo ruke.


Nuko wiyuhagire, wīsīge, wambare imyambaro yawe, umanuke uje ku mbuga: ariko ntumwiyereke atararangiza kurya no kunywa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ