Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 7:38 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 ahagarara inyuma yiwe, hafi y’ibirenge vyiwe, arira, atangura kumutonyangiriza amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura, abisīga ya mavuta.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

38 apfukama i ruhande y’ibirenge vya Yesu arira, ajojotereza amosozi yiwe ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura yongera abisiga ya mavuta.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 7:38
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

nuko bazane utuzi mwoge ibirenge, muruhukire musi y’igiti:


Nuko Ezira agisenga yātura, kand’ arira, yikubise hasi imbere y’ingoro y’Imana, ikoraniro rinini cane ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore n’abana, bakoranira ah’ ari; kand’ abantu bararira cane.


Kuko nzokwatura ukugabitanya kwanje, Nzogira umubabaro w’icaha canje.


Ibimazi Imana ishikanirwa n’umutima umenetse; Umutima umenetse, ujanjaguwe, Mana, ntuzowukēngēra.


Imyambaro yawe ni yame yera, kand’ umutwe wawe ntuz’ ubure gusīgwa amavuta.


Amavuta yawe aratāmirana cane, Izina ryawe rimeze nk’amavuta asutswe; Ni co gituma inkumi zigukunda.


Washengereye umwami ujanye amavuta atāmirana n’imbazi wagwijije; utuma intumwa zawe kure, urīmanura, urinda ushika i kuzimu.


ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.


Bazoza barira, kandi nzobarōngōra banyinginga, nzobacisha i ruhande y’inzūzi zuzuye, mu nzira igororotse aho batazotsitara; kuko Isirayeli namubereye se, Efurayimu n’imfura yanje.


Enda naho bigeze iyo, ni k’ Uhoraho agize, ni mungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga;


Kandi nzosuka ku nzu ya Dawidi no ku baba i Yerusalemu impwemu y’ubuntu n’iyo gusenga; kandi bazokwitegereza uwo bācumise; bazomuborogera nk’ ūborogera umwana wiwe w’ikinege, bamurware akabonge nk’ūkarwazwa n’imfura yiwe.


Hahirwa abatuntuye, kukw ari bo bazokwirurwa.


Hahirwa mwebge mushonje none, kuko muzohāzwa. Hahirwa mwebge murira none, kuko muzotwenga.


Umugore wo mur’ ico gisagara, yar’ umunyavyaha, amenye yukw arīra mu nzu y’uwo Mufarisayo, azana ikebano ry’amavuta atāmirana,


Wa Mufarisayo yamuhamagaye abibonye, aribgira, at’ Uyu muntu iy’aba ūvugishwa n’Imana, yari kumenya uyu mugore amukozeko, ukw ari kand’ ukw asa, kw ar’ umunyavyaha.


Uwo Mariya ni we yasīze Umwami Yesu amavuta atāmirana ku birenge, amuhanaguza umushatsi wiwe; uyo Lazaro yar’ arwaye ni we musaza we.


Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ