Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 7:37 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Umugore wo mur’ ico gisagara, yar’ umunyavyaha, amenye yukw arīra mu nzu y’uwo Mufarisayo, azana ikebano ry’amavuta atāmirana,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

37 Hanyuma umugore umwe wo muri ico gisagara yari azwi nk’umunyavyaha yumva ko Yesu ariko afungurira mu nzu y’uwo Mufarisayo. Aca aza azanye icupa ririmwo amavuta amota cane y’igiciro kinini,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 7:37
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None mur’ abo bompi n’uwuhe yakoze ivyo se agomba? Baramwishura, bati N’uwa mbere. Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yukw abatozakori n’abasambanyikazi babatanga kwinjira mu bgami bg’Imana.


Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngw arābe mw ijuru, arikw arishishitira, ati Mana, ngirira ikigongwe, nd’ umunyavyaha.


Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurārira umuntu w’umunyavyaha!


Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe bafatanye na bo bidodombera abigishwa ba Yesu, bati N’iki gitumye musangira n’abatozakori n’abanyavyaha?


Sinaje guhamagara abagororotsi, ariko naje guhamagara abanyavyaha ngo bihane.


Umwana w’umuntu yaje arya, anywa, mugira muti Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha.


Maz’ umwe mu Bafarisayo aramuhamagara ngw amuzimane. Yinjira mu nzu y’uwo Mufarisayo, aricara ngw arye.


Uwo Mariya ni we yasīze Umwami Yesu amavuta atāmirana ku birenge, amuhanaguza umushatsi wiwe; uyo Lazaro yar’ arwaye ni we musaza we.


Maze bahamagara ubugira kabiri wa muntu yahora ar’ impumyi, baramubgira, bati Ni wubahe Imana, twebge tuzi yuk’ uwo muntu ar’ umunyavyaha.


Turazi kw Imana itumviriza abanyavyaha, arik’ ūyubaha, agakora ivyo igomba, uwo ni we yumviriza.


arikw Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’ abanyavyaha.


Iri jambo n’iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha: muri bo jewe nd’agahebuza.


azi yukw ivyagezwe bitāshiriweh’ umugororotsi, ariko vyāshiriweh’ abagarariji n’ibigāba, abatubaha Imana n’abanyavyaha, abanegura ivyayo n’abakora ibizira, abica ba se na ba nyina, abicanyi,


Kandi k’umugororotsi akizwa agarukiye ku manga, ūtubaha Imana n’umunyavyaha bazoboneka hehe?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ