35 Kand’ ubgenge burangwa ko bugororotse n’abana babgo bose.
35 Ariko icerekana ko ubwenge bugororotse ni ubuzima bw’ababwakiriye.”
Igipfu bikimariye iki kugira ibiguzi mu ntoke ngo kigure ubgenge, Kandi kitagira umutima?
Ni nde azi ubgenge? N’atahure ivyo! Ni nde w’umuhanga? N’abimenye! Kukw inzira z’ Uhoraho ar’ iziroranye, kand’ abagororotsi ni bo bazozigendamwo; arikw abacumura bazozigwamwo.
Umwana w’umuntu yaje, arya, anywa, baravuga bati Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha. Kand’ ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.
Kand’ abantu bose n’abatozakori bumvise Yohana bemeye ukugororoka kw’ Imana, kuko bābatijwe na Yohana:
Umwana w’umuntu yaje arya, anywa, mugira muti Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha.
Maz’ umwe mu Bafarisayo aramuhamagara ngw amuzimane. Yinjira mu nzu y’uwo Mufarisayo, aricara ngw arye.