Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 7:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Kand’ abantu bose n’abatozakori bumvise Yohana bemeye ukugororoka kw’ Imana, kuko bābatijwe na Yohana:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 (Maze abantu bose, harimwo n’abatozakori, bumvise ayo majambo ya Yesu, baca baremera ko inzira z’Imana zigororotse, kuko bari babatijwe na Yohana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 7:29
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni wewe, ni wewe ubgawe, nacumuyeko, Nakoze ikibi mu nyonga zawe: Vyabaye birtyo kugira ng’ uboneke k’ugororotse ni wavuga, Kand’ uboneke k’uroranya ni waca urubanza.


Ni mwakunda ababakunda, muri n’impēra ki? Mbeg’ abatozakori bo si ko bagira?


Ariko ni twavuga tuti Ni mu bantu, abantu bose baradutera amabuye, kuko bemeye badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n’Imana.


Kandi haza n’abatozakori kubatizwa, baramubaza, bati Mwigisha, tugire dute?


Ndababgire, Mu bāvyawe n’abagore nta wuruta Yohana: arik’ umutoya mu bgami bg’Imana aramuruta.


Kand’ ubgenge burangwa ko bugororotse n’abana babgo bose.


Uwo yari yigishijwe inzira y’Umwami wacu, acānīrwa mu mutima n’umwete, yavuga yigisha ivya Yesu avyitondeye, yar’ azi umubatizo wa Yohana gusa.


Arababaza, ati None mwabatijwe umubatizo ki? Bat’ Umubatizo wa Yohana.


Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubgabo, ntibāganjwe n’ukuva ku Mana.


Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.


Numva umumarayika w’amazi avuga, at’ Uragororotse, uriho kandi wamyeho, Uwera, kuk’ uciye iryo teka.


Adoni‐bezeki aravuga, at’Abami mirongwirindwi naciye ibikumu n’amano manini bāhora batoragura utwo barya musi y’ameza yanje: uko nabagiriye ni kw Imana inshubirije mu nkōko. Nuko bamujana i Yerusalemu, agwayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ