Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 7:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Ariko mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Ereg’ abambara impuzu zishajije n’abinibanibira baba mu ngo z’abami.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Canke mwari mugiye kuraba umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Haba na mba! Abambara impuzu z’agaciro n’abiyamira mu bikayangana baba mu birimba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 7:25
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ubu ko mmaze imyaka mirongumunani y’amavuka, ndacamenya ibiryoshe n’ibibishe? Jewe umusavyi wawe ubona nkiryoherwa n’ivyo ndya n’ivyo nnywa? Ndacashobora kwumva amajwi y’abaririmvyi, ar’abagabo ar’abagore? Non’ icotuma jewe umusavyi wawe nja kukugora n’iki, mwami wanje nyen’ ingoma?


n’ivyo kurya vyo ku meza yiwe ukuntu vyari, n’abo mu rugo rwiwe uko bīfata, n’abasuku biwe uko bahēreza, n’ukuntu bambaye, n’abakevyi biwe bamuhēreza igiturire, n’ibimazi vyo kwosa yatanga mu ngoro y’Uhoraho, arajorerwa.


Baramwishura, bati Yar’ umuntu yakatse ivyoya, kandi yar’ akenyeje umukanda w’urusato. Aravuga, at’ Uwo ni Eliya w’i Tishubi.


ababgira kuzana umwamikazi Vashiti imbere yiwe yambaye igitsibo c’ubgami, kugira ngo yereke amahanga n’abaganwa ubgiza bgiwe, kuko yar’ umunyakaranga.


mu mwaka ugira gatatu ari ku ngoma atumirira amazimano abaganwa biwe bose n’abamenyekana biwe; abahambaye b’i Buperesi n’i Bumedi, na ba segaba n’abaganwa b’ibihugu bakoranira imbere yiwe.


Arinda ashika n’ inyuma y’ikirimba c’i bgami: kukw ata wemererwa guca mu kirimba c’i bgami yambaye igunira.


Bukeye ku musi ugira gatatu, Esiteri yambara imyambaro yiwe y’ubgamikazi, aragenda ahagarara mu karusha ko ku ngoro y’umwami, aharābana n’iyo ngoro nyene; kand’ umwami yar’ avyagiye ku ntebe yiwe y’ubgami mu ngoro, atumberanye no mw irebe.


Maze Moridekayi arasohoka, ava imbere y’umwami, yambaye imyambaro y’ubgami y’amasufe n’iyera, n’igitsibo kinini c’izahabu, n’imvune yera nziza y’inyambarabami; nukw abo ku murwa i Shushani basemerera banezerewe.


Yambara ukugororoka nk’icuma gikīngira igikiriza, no ku mutwe inkofero y’agakiza; yambara impuzu zo guhōra ngo zimubere imyambaro, yiyambika ishaka nk’umutamana.


Ariko mwagiye kurāba iki? Mbega n’umuntu yambaye impuzu ziremvye? Ereg’ abambaye impuzu ziremvye baba mu ngo z’abami.


Yohana uyo, imyambaro yiwe yar’ iy’ ubgoya bg’ingamiya, yayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero; indya ziwe zar’ inzige n’ubūki bgo mw ishamba.


ariko ndababgira yuko na Salomo mu bgiza bgiwe bgose atar’ ashajije nka rimwe mur’ ayo.


Hābaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose.


Abatumwa ba Yohana bagiye, atangura kubgira ishengero ivya Yohana, ati Mwagiye mu bugaragwa kurāba iki? Mbega n’irenga rihungabanywa n’umuyaga?


Ariko mwajanywe no kurāba iki? Umuntu avugishwa n’Imana? Ego me ni co; kandi ndababgire, Aruta ūvugishwa n’Imana cane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ